IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > indirimbo > Mkombozi aririmba urukundo rwa Toma na Nadine rwaheze nabi

Mkombozi aririmba urukundo rwa Toma na Nadine rwaheze nabi

dimanche 6 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

"Toma na Nadine" ni ururirimbo rushasha rwa Mkombozi na JP Runyurana. Muri urwo ruririmbo, bavuga inkuru y’urukundo rwa Toma na Nadine. Inkuru irimwo ivuga ko Toma na Nadine bavukana. Hama hatera intambara. Toma yari kw’ishuri aca ahungana n’umuyobozi w’ishuri, bahungira mu kindi gihugu. Nadine nawe ahungana n’abavyeyi mu kandi karere. Inyuma y’imyaka itari mike, intambara irahera, abahunze barahunguka, niko Toma na Nadine bahurira kw’ishuri rimwe muri ya mashuri y’uburaro.

Iyo nkuru yo mu ruririmbo ibandanya ivuga ko Toma na Nadine baciye bakundana kandi cane. Inyuma yo guheza amashuri, Toma yafashe ingingo yo kuja kurondera akazi muri Afrika y’epfo. Nadine yumvise ko umukunzi wiwe agira amusige wenyene, bimwanka mu nda, bafata ingingo yo kumusigira inda. Wa muyobozi yagumye afata Toma nk’umwana wiwe, ni nawe yagiye gusigurira abavyeyi ba Nadine ibijanye n’iyo mbanyi. Maze aratanga n’inkwano, abavyeyi ba Nadine barashima maze bitegana igishika umunsi umukwe wabo azozirako hama bategure imanza z’ubugeni.

Ntivyatevye, Toma yaratashe maze aja kubonana nabo yita ba sebukwe na Inabukwe. Abo nabo baciye bamwibuka nk’umuhungu wabo bari babuze irengero mu ntambara. Hakurikiye ikibazo c’iyo nda ya gishiki na gisaza, bamwe bati tuyikorore abandi bati twoba twishe. Bugingo Nadine yari asinziriye, Mkombozi avuga ko inasenge yamuye umuti, maze inda irakoroka ica ihitana na Nadine. Abo babiri baba barapfuye. Iyo nkuru Toma ayumvise imuca umugongo nawe ariyahura. Abavyeyi babura abana babiri n’umwuzukuru. Inkuru ya Nadine na Toma ihereraho.

Tubibutse ko umuririmvyi Mkombozi asanzwe atari mu Burundi yari amaze igihe adasohora indirimbo.

Umviriza aho munsi ururirimbo "Toma na Nadine"


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.