Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > indirimbo > Mkombozi:’’Iyaba hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga (...)
Mkombozi:’’Iyaba hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga Rufyikiri’’
mardi 30 Ruheshi 2015
Ubutumwa buri mu ndirimbo ya mkombozi yitwa Mucezo wa Ndani, avuga ko atamoko ari mu Burundi, ati :’’Twarabahinyuye, amoko n’umutahe wanyu twarahinyuye, ntabihari kuko dusangiye vyose.
Amajambo yavuze muri iyo ndirimbo asohoye ari mu buhungiro agira ati :’’Hari igihe mutandukanya amoko kandi atarivyo, iyaba mu Burundi hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga Rufyikiri. Ntamacakubiri mu Burundi ni mucezo wa ndani’’. Abarundi turi maso twarabahinyuye, amoko ni icitwazo c’abanyeporitike.
Mkombozi kandi ntatangwa mu kwiyamiriza abitwaza ivy’amacakubiri, kandi arico cazanye impfuvyi nyishi, agatera ivyatsi abica abantu babahora ubwoko hamwe n’abagura ibirwanisho vyo gukingira abanyagihugu, nayo, arivyo bije kubamara. Arongera agahoza imiryango y’abasirikare baheruka kugwa muri Somaliya.
Uyo muririmvyi nyene , aheraheza agereranya izina ryiwe nka hamwe n’uwundi muntu yise Gahini, tukaba tubemereye kumurondera kugira adusigurire neza ico yashatse kuvuga.
Tubibutse ko Mkombozi ari umwe mu baririmvyi biyamirije bivuye inyuma ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abicishije mu ndirimbo ziwe nacane cane nkiyitwa PAPA NZEYIMANA,URUDUBI, Hasta la victoria simple, n’izindi. Ubu rero mkombombozi abandanya akorera ibikorwa vyiwe aho ari mu buhungiro.
Kurikira indirimbo Mucezo wa ndani
Bill Nkurunziza
Messages
30 Ruheshi 2015, 15:55, par VITAL
NONE NK’UMURIRIMVYI ARIRIMBA URURIRIMBO RUSHOBORA GUTIGIHE ATANINDWI RUMAZE BIVANYE NUKUNTU IGIHUGU KIMEZE NIBAKORE UMUZIKI UZORAMBA BAREKE GUKORERA KUBISHOBISHO
30 Ruheshi 2015, 16:09, par JEAN
IRAMBIRE BWANA MUCOMBOZI WW TURAKWEMERA BANDANYA UDUHA IBISHASHA
30 Ruheshi 2015, 17:32, par x-ray
Mukombozi nakubali ugerageza gushira ukuri kumugaragaro ikibazo co muburundi subwoko nimvo za politike.ndagusa kowobanda ubaha ubutumw ubucishize mumudiho.
30 Ruheshi 2015, 17:44, par edouard
iyaaba abarundi bose tumez nkawe igihugu cacu ntantambara yokurangwamwo ivyaamoko ntarufatiro rugifise nagato komeraa
30 Ruheshi 2015, 18:20, par kuri
uyo yaherewe asigayeakoreshwa nabanyeporiteke
30 Ruheshi 2015, 18:39, par Sikonabisanze
Komera ancle mkomboz mubandany mudushirir ivyiyumvir vyany ahabon hasta
30 Ruheshi 2015, 20:31, par Rafiki
Bravo Mkombozi, warukwiye PRIX NOBEL DE LA PAIX 2016 !!!
30 Ruheshi 2015, 20:38, par Nkurunziza Innocent
Mkombozi Aharihose Ndamuramukije!Mkombozi Ncuti Amahoro Abane Nawe Kandi Uwomutima Uzowuhorane.Iciyumviro Canje Najewe Sinshigikiye Pita.Nareke Abandi Batware Murakoze
30 Ruheshi 2015, 21:14, par bigirimana
iyabatwiyunvirankawetukamenya abobazehebaduteranyantamuntuyokwicamugenziw amuziz ivyuyunvirovyiwendagukukundacanekuvyiyunvirovyawenibiterebijimbere abarunditurinyumayawe
30 Ruheshi 2015, 21:33, par bill get wa burundi
Ivyo uyo mwenewacu avuga nukuri kwose ico nomwunganira nuko muburundi hari abadahaga canke batungwe nabike bafata
30 Ruheshi 2015, 23:56, par mutabazi
None ko mwavuze ngo ahuje ibyiyumviro na Gahini muyobewe ko Gahini ariwe wishe mukuru we Abert muri Bibiliya nyuma agapfa abungera. Mukombozi nawe ababyeyi biwe bari mubakoze ibara muri 72 niyo mpamvu azapfa abungera nka Gahini.
30 Ruheshi 2015, 23:59, par mutabazi
Ntabwo akwoye Prix Nobel de la paix ahubwo akwiye umudari wo kuba intagongwa
1er Mukakaro 2015, 03:16, par kiveko
Mkombozi babwire muga nuko ubwira intunva big up bro
1er Mukakaro 2015, 03:49, par masabo
Abasani b’ubu baririmba batiyumviriye!!! Nk’uyo ariko adedemba ibiki?
1er Mukakaro 2015, 09:50, par manariyo
Mukombozi we warufisabafana benshi mais indirimbo zawe zomurikigihe ziriko zibagukurako kuko wibagiye ton metier wigize umuririmvyi wumunyepolitique ugwanyubutegetsi,ntahutandukaniye naza societes civiles zivuga ko zidaharanira ivyicaro vya politique kandi biboneka kwarizo ziriko zikorana nabazungu mugusambura uburundi,sha wokwisubirako nahahandi uzokimarishamaguru kandi ntaburagamo uzokwigeruronka sinkubesha,ririmba ibidatigihe nka bakura mbere bawe ba kidumu,christophe matata ,africa nova,sinon tugiye kugufata nkumu avantrier.Yarimpanuro yuwugukurira manariyo,sinon ntakazoza kumuryango wawe karimbere
1er Mukakaro 2015, 15:42, par Kamenge Elvis Kamenge
Mbega ni mkombozi wa nani?mkombozi wetu ni yesu!atutoleye fujo..
1er Mukakaro 2015, 20:32, par MUTAMA
We MANARIYO ub w narabony uri imbonera kure umuririmvyi aririmb ivyo abona ck yumva nukuvuga ko ahabwa ama sujet nabant har ico bita inspiratio ic nac gitumw nivyo abny ck yumvis mureke avuge rero k umeng aguteye icumu?ubw w ntur mur bamw bakizura ijoro?nkubwir wahunze ugira mkombozi ntiyahunz?rekana nubupfu sha kd ukomeye
1er Mukakaro 2015, 21:35, par Burund bwacu
So vraiment mkôboz numunt aho ari hose yama yiyumvir kazoz kigihug ciwe vyoba vyiz aje araserura iciyumviro ciw ko nabanyepolitike nabo batubwir ivyabo
2 Mukakaro 2015, 00:21, par Hatungimana
Urabandanya ntukorere k’ubwoba kuko ururimi ntirubeshejweho n’impuhwe z’amenyo.
2 Mukakaro 2015, 19:55, par NZIRUBUSA
WE KOMERA WAHANURA NUKO ABARUND TWUNVA TUBONYE!! KAND TURAG OWE! MUGA TWIZER DUSENG TUDAHUMEKA KUMAUR TWOKIRA??!
3 Mukakaro 2015, 20:32, par MBAZUMUTIMA ELIE
MUKOMBOZI NDAKWEMERA UZOROKORE UBURUNDI UKENE NTUZ UMEND IBANGA KUBERA AMARONKO IZNA RIZ RIBE UMUNTU
5 Mukakaro 2015, 22:05, par alain mugabarabona
Ntabwo nasaba kuba nka mukombozi kuko amajambo yiwe asa nkayabandi baza batubwira iyo bariko baritoza ahubwo ndamuririra kandi areke kutwononera umuziki wuburundi umuziki utandukanye na politiQwe mukombozi yaba we agahunga igijugu rwagasore kwatagihunze yemeye gupha naveho
6 Mukakaro 2015, 16:20, par jean marie bigirimana
nakomer turinyum yiw twebw abafans biw indirimb azor niza dang
6 Myandagaro 2015, 14:46, par Martin jay kabura
Nakomr Kumuheto Abandany Aterimber Can
7 Nyakanga 2015, 23:44, par JOHN NTIRAMPEBA
MKOMBOZI NIYARAMBIRE KANDI NASHISHIKAR KUKO AFIS INGABIR YIMANA IVYAVUGA NUKURI GUCA MUZIKO NTIGUSHE
13 Nzero 2016, 21:30, par Griezman
nukur murkoz ahubwo nibirebire
1er Ntwarante 2016, 22:25, par Remy Mpawenimana
DABAHAYE MWIRIWE JE SHAKA IDIRIMBO ZA MUKOMBOZI.
25 Ntwarante 2016, 15:57, par Nestor
Ico niyumvira kuri iyo nkuru n,uko abo bemera manda ya gatatu uca usanga nka hantu bariko baravuza indirimbo ziwe bagaca babafata ngo n,abakeba. mkombozi nawe nomutera akamo mvuga nti Imana Isumba Ingabo Ko Jewe nawe tukiriho imana iraca dukunda amakungu nayo amukingire abasi ntibamwice jewe ndangirije aho murakoze
1er Nyakanga 2016, 21:18, par INOSENTI
BITE MUKOBOZI RAMBA
17 Ruhuhuma 2017, 20:16, par Oscar Ndabarushimana
Turungikire
26 Ruhuhuma 2017, 11:54, par Baranderetse
Ndakundamukombozi Nindirimboziwe
10 Ntwarante 2017, 15:30, par Eliya Bitaisha
Nukuri Izonkur Ninziz Nakwifuz Kutor Izondirimbo Nobigenzgute?
31 Ntwarante 2017, 11:28, par BIZIMANA,
MKOMBOZI,IRAMBIRE,IVYO,UVUZE,BIRABA,TWARABIBONYE!
2 Ndamukiza 2017, 16:52, par niyonkuru innocent
Imana ibandanye kuba hafi ivyiyumviro vyiwe
22 Rusama 2017, 12:23, par salvator
ndagukunda.mkomboz
21 Ruheshi 2017, 23:01, par beda
nonemkombozi ub arihehe?ndamukunda
30 Myandagaro 2018, 16:20, par Ntacn Mvuze Mwese Mushira Inda Imbere
Ntangorane
22 Gitugutu 2018, 09:58, par Nduwimana
Mcombozi Ndakwemera Ahubw Wew Muburundi Ntuhaheb Rab Ugaruk Dufashanye Ibikorw Vyumusic Wacu