Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mu ruririmbo "Hello", Best Life Music bahamagara umukobwa ariko (...)
Mu ruririmbo "Hello", Best Life Music bahamagara umukobwa ariko abasiga
mercredi 23 Myandagaro 2017, par
"Hello" ni umutwe w’ururirimbo rumaze amasaha make rusohowe n’umurwi Best life Music. Mu ntango z’urwo ruririmbo, humvikana umuhungu yisaba umukobwa ngo ntaze amuhemukira kubera ariko aronderwa n’abafise amahera ariko batagira urukundo.
Best Life Music bumvisha uwo mukobwa urukundo bamukunda bamusaba kandi kwihangana ko nabo bariko barondera amahera. Best Life Music bati : "Ngira ndakwereke urukundo,... ndiko ndondera amahera nayo abantu bavuga menshi... ibibazo ufise tuzobitorera umuti."
Tubibutse ko umurwi Best Life Music uri mw’ihiganwa rya Afrimma 2017 mu gisata c’imirwi y’abaririmvyi bo muri Afrika. Iryo higanwa rikazorangira kw’igenekerezo rya munani Gitugutu uno mwaka.
Amajambo n’umudiho wakozwe na Kolly The Magic biri mu ruririmbo "Hello" mushobora kubisoma mw’isanamu y’amajambo arugize.
Cherif NKESHIMANA