Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arashima aho bagejeje gutegura igiteramo ca Yves KAMIKIWE

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 août 2017 saa 09:36
Yasomwe : 3645
0 0

Mu gihe umuririmvyi Yves KAMIKIWE ariko ategura gushira ahabona urukurikirane rushasha rw’indirimbo yise ’’Umwanya’’,Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arongoye ikigo cigisha umuziki co mu ntara ya Gitega ’’Institut de Musicologie de Gitega’’ amenyesha ko bahisemwo gufata mu mugongo umuririmvyi Yves KAMIKIWE kuko aririmba mu mudiho w’ikirundi ari nawo bashaka guteza imbere.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2017, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE amenyesha ko bahisemwo kumufata mu mugongo kuko biboneka ko afise ingabirano nziza kandi aririmba mu kurongo w’ubushakashatsi buriko bukorwa ku muziki w’Uburundi n’ikigo cigisha umuziki c’i Gitega.

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE avuga ko umuririmvyi Yves KAMIKIWE ari umuririmvyi atandukanye n’abandi baririmvyi bivanye n’ingene yandika indirimbo, naho azikura, kuko biboneka ko akora ubushakashatsi.

Yavuze ati :« Yves KAMIKIWE aririmba mu mudiho w’ikirundi c’ukuri, uravye indirimbo yandika urabona aho yawukuye, ko yawukuye mu muco w’ikirundi no mu ngoma z’Uburundi. »

Ku bijanye n’imyiteguro yo gushigikira umuririmvyi Yves KAMIKIWE, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE amenyesha ko imyiteguro igeze kure, kuko vyaba ibikoresho n’ikibanza kizoberamwo igiteramo vyamaze kuboneka.

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE avuga ko mu migambi bafise, bipfuza gushigikira abandi baririmvyi, ariko babanje kwemera guhindura inzira bakisunga kuririmba mu mudiho w’ikirundi.

Umuziki ni rwacu, twarawonse

Uwo arongoye ikigo cigisha umuziki mu ntara ya Gitega avuga ko ku makenga abaririmvyi bamwe bafise ko baririmvye mu mudiho w’ikirundi umuziki wabo utokundwa,abahumuriza ababwira ati :

« Umuziki ni rwacu, twarawonse, kandi ikintu kigirwa n’uko gikozwe,turashaka ko abaririmvyi barabira ku muririmvyi Yves KAMIKIWE kandi bamumenye. »

Musenyeri Justin avuga ko ababazwa no kubona umuziki w’Uburundi warataye umurongo, kuko hari abaririmvyi bakora bikura, batabanje gukora ubushakashati.

JPEG - 103.9 ko
Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE,arongoye ikigo cigisha umuziki c’i Gitega

Igiteramo co gushira ahabona urukurikirane rushasha rw’umuririmvyi Yves KAMIKIWE, kizoba kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2017, mu ntara ya Gitega, mu kibanza American Corner.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha