IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > ’’Nje n’izindi nguvu mu mwuga wo kuririmba’’ - Famous

’’Nje n’izindi nguvu mu mwuga wo kuririmba’’ - Famous

mercredi 16 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017, umuririmvyi "Famous" amenyesha ko kuva atangura kuririmba yasa n’uwuri mu mwijima kuko yaririmbira mu ntara iri kure y’umurwa mukuru w’igihugu.

Fay-Isaie NIVYAYO "Famous" avuga ko icipfuzo ciwe ari uko nk’uko umuziki w’Uburundi ugeze ku yindi ntambwe, nawe yomenyekana ku murwa mukuru w’Uburundi, mu gihugu cose, mu karere ka Afrika y’Ubuseruko no gushika mu makungu.

Ku kibazo co kumenya urugero umuziki w’Uburundi ugezeko, Umuririmvyi Famous avuga ati : «Uno munsi si nk’ejo. Hari intambwe duteyeko kuko hari abaririmvyi bafise ico bimariye kandi babeshejweho n’umuziki. Umuziki w’uno munsi bisaba kujana n’igihe, hari ivyo duheba nivyo twongeramwo.»

Fay-Isaie NIVYAYO avuga ko aje n’izindi nguvu mu mwuga wo kuririmba, n’ikimenyamenya akaba ari uko ubu afise indirimbo indwi mu nzu ihinyanyura indirimbo, ivyo navyo bikazotuma umwaka wose wa 2017 uzohera aguma azana bishasha, nk’uko avyiyemerera.

Fay-Isaie NIVYAYO asaba abarundi bose gukunda umuziki ndundi kuko gukunda umuziki w’abanyamahanga kurusha uw’abarundi bisubiza inyuma umuziki w’Uburundi.

Umuririmvyi Fay-Isaie NIVYAYO yavukiye mu ntara ya Rumonge, akaba yatanguye kwandika indirimbo mu mwaka w’1996, atangura kuririmbira ku bicurarangisho vyavugijwe n’abandi mu mwaka w’1997. Uno munsi afise indirimbo 23 naho zimwe muri izo zitaronse amahirwe yo kuja ahabona ngo zimenyekane.

Abaririmvyi batumye akunda umwuga wo kuririmba ni Prosper BURIKUKIYE batazira BAHAGA, NIKIDEV, AFRICA NOVA, akaba abarabirako mu kuririmba indirimbo zitanga ubutumwa mu bijanye n’imibano n’urukundo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.