IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R Kenny arashimira umukobwa yemeye kuja muri video yiwe

R Kenny arashimira umukobwa yemeye kuja muri video yiwe

samedi 4 novembre 2017

"Reka ngukunde"ni ururirimbo rushasha rwa R Kenny yaraye ashize ahabona, rukaba rwasohotse inyuma y’igikorwa yakoreye muri "Mayibobo Records" n’umuhinyanyuzi Steve.

Uwo muririmvyi avuga ko urwo ruririmbo arufitiye imigambi ikomeye, muri iyo aravuga k’urukorera video mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’i 2017. Muri izo nteguro zo gukora iyo video, R Kenny ategekanya hazobonekamwo amashusho y’ibibanza bikundwa n’abantu benshi aha i Bujumbura.

R Kenny yemeza ko izoba video ya mbere azomenyekanisha gusumba izindi. Aranashimira umwigeme yemeye kuzoja muri iyo video.

Mu kiyago yagiranye na IGIHE, uwo muririmvyi avuga ko ururirimbo rufise ubutumwa bukurikira :"Reka ngukunde n’indirimbo itera inguvu umukunzi wawe mu gihe benshi bakubwira ingeso mbi zimuranga ariko wewe ukaba atana kimwe uramubonako cobatanya barawuciye basokuru bati:uramwanka umwiyumviye abantu barateranya."

R Kenny arangiza abwira abakunzi biwe ko agiye gukora ama video y’indirimbo ziwe nk’uko bakunze kubimusaba igihe aba ari mu biganiro.

Umviriza aha munsi ururirimbo " Reka ngukunde" rwa R Kenny


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.