Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > indirimbo > Rally Joe: Umviriza ururirimbo "Kuri ka kagezi" rwasubiwemwo
Rally Joe: Umviriza ururirimbo "Kuri ka kagezi" rwasubiwemwo
vendredi 21 Mukakaro 2017
Rally Joe abwira ikinyamakuru IGIHE ko hari haheze igihe kitari gito asabwa n’abakunzi biwe gusubiramwo ururirimbo rwakunzwe mu mwaka w’i 2011 "Kuri ka kagezi". Avuga ko hari nabamusaba uruhusha bayisubiremwo ubwabo nawe akababwira babangire.
- Rally Joe na Darassa, igihe yari Tanzaniya gusohora "kagezi"
Rally Joe yongera kandi akavuga ko nawe yarafise umugambi wo kugira urwo ruririmbo rushirwe mu mudiho ushobora gutambika hama ruvuzwe no mu mazu y’ubutambiro. Niko rero guhindura izina ubu rukitwa "Kagezi". Naho rwahinduye izina, amajambo ntiyahindutse cane kiretse makeyi yongeyemwo. Rally Joe avuga kandi ko ata vyinshi bizohinduka muri Video kuko izobonekamwo Thity Love, ariko ikibanza kizohinduka.
Tubibutseko kuri "Kuri ka Kagezi" iye biracika mu myaka 2011 aho yavuzwa cane haba mu biteram canke ahandi. Iri kandi mu ndirimbo za Rally Jo zakunzwe cane zikanatuma amenyekana. Urwo ruririmbo rwasohotse mu mwaka w’i 2011, video yarwo yagiye ahabona kw’igenekerezo rya 04 Myandagaro uwo mwaka nyene. Urwo ruririmbo nyene rwarahawe agashimwe mw’ihiganwa Top Ten Awards uwo mwaka nyene.
umviriza wongere ugereranye kuri "Ka kagezi" na "Kagezi’ ije kuyisubirira.
"Kagezi"
Cherif NKESHIMANA