Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rossignol : ’’Umuziki wo mu karere wazingamitswe n’indyane za polike’’
Rossignol : ’’Umuziki wo mu karere wazingamitswe n’indyane za polike’’
lundi 4 décembre 2017
Inyuma yo gushira ahabona video y’ururirimbo"Overdose", imbere y’abamenyeshamakuru, G-Bo yarabajijwe ivyo ategekanya gukora muri kazoza kiretse iyo video yokorewe na Di Moda Fashions.
Uwo muririmvyi yaratangaje abari aho mu kwemeza ko ata minsi isigaye kugira ashire ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere rugizwe n’indirimbo 15.
Urukurikirane rugiye gusohoka rwitwa "4G", rukaba rugiye kuja ahabona kw’igenekerezo ry’icumi na kane Kigarama (14/12/2017) ; rugizwe n’indirimbo zikurikira : My Future, Ntawundi nshaka, Ntelefona, Komplike, Mama Bado, stamina, Wama Umbabaza, Zainabo, Mjomba, Mama kabibi, sioni,Pam Pam Shida, Mimi nawe hamwe na Watazoweya.

Big Fizzo, Mr Champagne na Rossignol bazomufasha guteramisha abantu. Uwo wanyuma asanzwe avuka mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo amenyesha ko umuziki w’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini wazingamitswe n’indyane za politique.
Ivyo yavyishuye inyuma igihe G-Bo yashira ahabona video y’ururirimbo "Overdose".
Cherif NKESHIMANA