IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Indirimbo > Spok’s yatanze inkuru nziza ku bakunzi biwe

Spok’s yatanze inkuru nziza ku bakunzi biwe

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ndatemutse, Siko nabisanze canke Agakuku, ni zimwe mu ndirimbo ziri muri urwo rukurikirane.

Spok’s yamaze gutanga inkuru nziza ku bakunzi biwe. Agira ati : "Rya sango ryageze, ca gihe nabasezeranira cageze." Iryo sango si irindi, ni igiteramo c’ishirwa ku mugaragaro ry’urukurikirane rwiwe rwa mbere.

"Ndakumbuye Iwacu" ni izina ry’urwo rukurikirane, niryo zina kandi ry’uririmbo rutarasohoka ariko rugiye kuja ahabona vuba narirya ruzovuzwa no muri ico giteramo. Urukurikirane "Ndakumbuye Iwacu" ruzoba rugizwe n’indirimbo ziri hagati ya cumi na cumi n’imwe.

Ibirori bizoba ari kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka w’i 2017, kuri Star Hotel. Kuri iryo sango, abaririmvyi batari bake baratumiwe gushigikira.

Tubamenyeshe ko ico igiteramo gishobora kuzoba Spok’s yaraye ahaye "Trophée" uwuzoba yatsindiye Isanganiro Awards ku ncuro ya gatandatu.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.