IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Indirimbo > Spok’s atanga insiguro y’ururirimbo "IBIBAZO"yakoranye na Rap (...)

Spok’s atanga insiguro y’ururirimbo "IBIBAZO"yakoranye na Rap Makerz

mercredi 25 Ntwarante 2015

Umuririmvyi Spok’s yasohoye ururirimbo yise "IBIBAZO". Muri urwo ruririmbo aratanga uburorero bw’ibibazo nyamukuru abona biri mu Barundi, ahandi akerekana ko hari n’ibindi bibazo bizoza muri kazoza k’igihugu. Ururirimbo yarukoranye n’umurwi Rap Makerz.

Spok’s avuga ati : "Ubu mu Burundi abatunzi n’abakene bisa n’uko basigaye bari kuri même niveau, sinzi ko twovyita génération canke urunganwe?
Natanguye kubibona igihe isoko yasha, n’umuntu atarazi ko ubukene bubaho yarabumenye hari n’abari bazi ko batazomara kabiri, ariko kubw’Imana baramaze imyaka ibiri. Murino misi naho kubera igitoro cabaye ndanse, n’umuntu atari bwigere aja muri bus ubu arayijamwo canke akambara tenue de sport akagenda n’amaguru.
Hari n’ibindi vyinshi biza kandi bikadusiga, imvura y’isegenya, ubukene, ubuzima buzimvye, guterefona kwokwo ntitukivuga."

Uwo muririmvyi abandanya agira ati : "Hashobora no kuza ibiruta nivyo, gusa ico novuga n’uko Imana iriho ku bwacu. Turi kwishure turiko turiga ubuzima uko bumeze, kumbure iyo tutabicamwo ntitwari kumenya ko bibaho, nta kitagira iherezo kuri ino si kandi ngo IKIKUBABAJE MU BUZIMA KITAKWISHE KIGUHA INKOMEZI N’INGOGA... Barundi, barundikazi, reka twizere IMANA kuruta ibindi vyose.
Iyo niyo ndemesho yanje, ndabatuye mwese akaririmbo IBIBAZO"
.

Tubibutse ko Spok’s ari mu baririmvyi b’umudiho wa Rap bafise ubutumwa bwerekeye ubuzima bw’igihugu mu ndirimbo ziwe.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.