IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Indirimbo > Umuririmvyi Small Dog aririmbana intimba z’umukobwa yamuhevye

Umuririmvyi Small Dog aririmbana intimba z’umukobwa yamuhevye

jeudi 15 Nzero 2015

Umuririmvyi small Dog yasohoye ururirimbo rw’urukundo aho aririmbo intuntu z’uwo bakundanye ariko bikanka ko babandanya mu rukundo.

Umu "rappeur" Small Dog mu ruririmbo rushasha "Uracankumbura"yumvikana umengo afise akabonge yibuka uko yahora akundanye n’uwo mukobwa atavuga izina. Small ati:"Twakundanye neza kuva mu buto twabanye neza dukuze, ntivyakunze ngo dukomeze". "Reka ndakwibutse tugisangira akavoka...", "ndazi ko nawe ukinyiyumvira...".

Tubibutse ko uwo muririvyi Small Dog ari mu murwi w’abaririmvyi bo mu mudiho wa rap bariko barondera kugarukira uwo mudiho bo nyene bavuga ko mu Burundi utitaweho n’abategura amahiganwa. Small Dog niwe twababwiye yakoranye ururirimbo na Spok’s hamwe na Wawa ariko rugakorwa nabi muri Kim France nk’uko Spok’s abivuga.

Umviriza aha munsi ururirimbo "uracankumbura"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.