IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uguterana amajambo hagati ya Lolilo na Fizzo kuriyamirizwa n’umwe mu (...)

Uguterana amajambo hagati ya Lolilo na Fizzo kuriyamirizwa n’umwe mu baririmvyi

mardi 18 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kebby Boy aranegura cane abaririmvyi batakaza umwanya batukana mu ndirimbo, aho kwiyumvira guteza imbere akazi kabo. Kebby Boy ati : "Abaririmvyi twari dukwiye guca mu nzira zose kugira indirimbo zacu zishike ku rugero mpuzamakungu". Arongera ati : "Ikindaza ishinga si amajambo mabi bishurana, ikimbabaza n’uko biyaka iteka bakanaryaka abakunzi babo, eka bakanaryaka umuziki w’Uburundi."

JPEG - 107.3 ko
Umuririmvyi Kebby Boy

Ivyo Kebby Boy abivuze inyuma y’indirimbo zasohowe n’abaririmvyi Big Fizzo, Akes Don, Lolilo, Kebby Boy akabagiriza ko aho kubera imboneza urunganwe rubahanze amaso, bihaye intumbero yo guterana amajambo mabi n’ibitutsi.

Tubibutse ko Kebby Boy yaheruka mu biteramo i Gisenyi mu Rwanda, no muri Ouganda.

Umviriza wongera wirabire isanamu y’ururirimbo yiwe "Sina Lawama" iriko icishwa ku mboneshakure nyinshi zo muri Africa.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.