Menya ibikorwa Gaga Blue agiye gutahukana

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 17 Myandagaro 2017 saa 05:12
Yasomwe : 4419
0 0

Umuririmvyi Gaga Blue agiye gutahuka mu gihugu c’amavukiro, azoza umukama w’ibikorwa yaramazemwo iminsi. Muri ivyo, harimwo amasanamu y’uririmbo hamwe n’ibikorwa vyo kwimenyekanisha mu bindi bihugu. Gukorera indirimbo hanze y’igihugu bituma umuririmvyi amenyekana no mu gihugu yakoreyemwo.

Ikiringo kigera ku mezi abiri cari gheze umurimvyi Gaga Blue atabarizwa mu gihugu c’Uburundi. Aho muri Tanzaniya, Gaga yaragiye mu bikorwa vyiwe vy’umuziki. Aho yakoranye n’umuhinyanyuzi wo muri T Touch Studio ari nabo bakoze ururirimbo rukunzwe cane rwa Darassa "Maisha na Muziki" mu majwi. Hageze gutegura no gusohora amasamu, umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya Msafiri Traveller niwe yayitunganije, uwo nyene niwe yakoze amasanamu y’ururirimbo Gerageza rwa Natacha.

Ururirimbo "Ivo ivo"rumaze rero iminsi ruvuzwa cane aho muri Tanzaniya biciye ku mboneshakure n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu. Aha turavuga nk’imboneshakure East Africa Televesion, Clouds Tv, Global Tv, hamwe n’ikinyamakuru Bongo5.

Twashatse kumenya igituma abaririmvyi b’Abarundi bishimira cane indirimbo n’amasanamu bakoreye mu bindi bihugu. Kuri ico kibazo, umumenyeshamakuru akorana cane n’abaririmvyi n’indirimbo zabo, Raphael yishuye ko gukorera indirimbo mu bindi bihugu bifise akamaro. Aha avuga ko bituma umuririmvyi amenyekana cane no muri ico gihugu yakoremwo. Ikindi Rapha yongerako n’uko mu bindi bihugu hari amazu y’ubunyinyuzi ateye imbere. Uwo nyene bandanya avuga ko umuririmvyi aba ariko yagura akarere ko gukoreramwo.

Kuri ico kibazo nyene, Haruna wo muri Ikoh Service amenyesha ko abaririmvyi bishimira indirimbo bakoreye hanze kubera muri kamere y’Abarundi batemera ivyiza vy’iwabo. Haruna aremeza ko indirimbo z’abarundi zimenyekana cane ziba zakoreye mu Burundi.

Tubibutse Gaga Blue azogaruka mu Burundi mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga.

Kurikira aha munsi indirimbo Ivo ivo:


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha