IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Isack Nkorerimana : “Bibiliya yabaye urudandazwa”

Umuririmvyi Isack Nkorerimana : “Bibiliya yabaye urudandazwa”

mercredi 8 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

ISACK Nkorerimana, umuririmvyi w’umurundi aba mu gihugu ca Canada abandanya imyiteguro y’igiteramo co guhimbaza Imana kizobera mu gisagara ca Bujumbura.

Ico giteramo kizoba gifise intumbero yo guhimbaza Imana, uwo muririmvyi akazonaboneraho akaryo ko gutanguza mu gihugu ciwe c’Uburundi ikigo yashinze gifasha abana bo mw’ibarabara.

Mu rukurikirane rw’ukubandanya imyiteguro, uwo muririmvyi akaba yashikirije ururirimbo rwiwe rushasha yise “Bibiliya yabaye urudandazwa”.

JPEG - 116.1 ko
Umuririmvyi Isack Nkorerimana

Muri urwo ruririmbo Isack Nkorerimana yumvikana avuga ingene muri iyi minsi Bibiliya yabaye urudandazwa, aho usanga bamwe mu bakozi b’Imana bavuga ubutumwa badafise intumbero yo kugira abantu bihane, ahubwo bakababwira ivy’imisha gusa kugirango amashengero yuzure, abandi bantu bakinjira mu rusengero bafite ishusho y’ubukristo, ariko mu mitima yabo bafisemwo ibindi vyiyumviro. Aho uwo muririmvyi atanga akarorero k’urwaruka, akagira ati : ”Abasore binjira mu mashengero bikurikiriye inkumi, ndetse n’inkumi zikajayo ata kindi zigamije atari ugukurikira abasore, hama abo bose bagasaba Imana ngo izobahe iherezo ryiza."

Isack Nkorerimana arazwi kandi mu bikorwa vyo gufasha abana bo mw’ibarabara, abicishije mu migambi yise "Nkore Foundation”
Ariko yitegurira igiteramo gikomeye azokorera mu Burundi mu ntumbero yo kuhatanguza uwo mugambi wa "Nkore Fondation". Ico giteramo kikazoba mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka w’2017. Isack Nkorerimana azoba ari kumwe muri ico giteramo n’abandi baririmvyi batandukanye baririmba indirimbo zo guhimbaza Imana, bo mu gihugu c’Urwanda hamwe n’ano mu Burundi. Amagenekerezo n’abazomufasha bose muri ico giteramo akaba azobamenyesha mu minsi iza.

Mu kiganiro uwo muririmvyi yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko ashima Imana cane ko iriko igenda imwerekeza mu vyiyumviro vyiwe yahoranye kuva kera akiri umwana mutoyi.

”Kuva nkiri umwana mutoyi nakuze niyumvamwo kuzokorera Imana ndabicishije mu kuyiririmbira, ndetse nkanakora ibikorwa vy’urukundo birimwo kwitaho abababaye, impfuvyi, hamwe n’abana bo kw’ibarabara, kuko igihe cose nabona umwana ababaye numva nanje ngize ishavu ryinshi ku mutima, ndetse ngaharanira uburyo yova mu ngorane arimwo, n’aho ntaba mfise ingene nobishira mu ngiro."

Nkorerimana Isack ni umuririmvyi akaba n’umucuraranzi yavukiye mu gihugu c’Uburundi, ariko ubu we n’umuryango wiwe bakaba baba mu gihugu ca Canada, ari naho akorera ibikorwa vyiwe vy’indirimbo z’uguhimbaza Imana, aho ubu amaze gukora Album zibiri z’indirimbo ziri mu mu midiho itandukanye.

Umviriza ururirimbo Isack Nkorerimana yise : “Bibiliya yabaye urudandazwa”


IGIHE

Messages

  • Nihatari kweli nimeshangazwa sana na kumuona mkubwa wangu hapa. Dhaa! Mungu akubariki bro Isaac

  • Imana iguhe umugisha kumutima wakuranye kuva ukiri muto wokwunva ko umwana atagira abavyeyi akubabaza.Imana ikuzigame kandi umutima ufise nibibondo uzosiga baze babe akarorero mubandi nka papa wabo.YESU aguhe ivyowipfuza vyose gushikako.

  • NKORERIMANA YESU AGUHE UMUGISHA UBANDANYA USHIKANE BESHI KUKUGOROROKA UZOHABWA IGITSIBO CUBUGINGO NINIHANGANA TUZOHURIRA MWIJURU

  • Ndaguheruka umwaka wa 2000 Tanzanie ungurira icayi.Kandi ndatangaye kubona umuziki utawuhevye.Imana ikuje imbere mumigambi yo guteza abandi imbere nkuko wamye utwitaho kuvakera.Imana ize iguhe kwama uronka kumutima ufise kubandi.

  • Mahoro isack nkorerimana.Burya uracabaho?Ubu ugereye hehe? Imana iguhe umuhezagiro.Nguheruka en 10 eme kuri lycee de la lumiere Tanzanie ubu nkaba nkwunvira muvyuma vyakozwe nabahinga.Imana ikuzigame ibikunze tuzongera kubonana.

  • Mamama ndumiwe.Ndakwunvise kuri Rhema FM bujumbura.Uracakunda Lucky Dube nkakera.Sha warabivuga ko uzoba umuririnvyi.Imyaka iheze ntazi iyuri ndatangaye.Narinziko ivyo wavuga vyari imikino none ndemeyeeeeeee.Icompa tugahura nkabikwibutsa.Komera muvukanyi wumireko indoto wamanye mukanwa ndazunvise.

  • Sha ndabuze ayonvuga.Narinziko umuiki wahevye ukiri Tanzanie !!!!.Ubu ndi Zimbabwe ndumiwe peeeee.Umirako un jour nzogutumira zimbabwe.

  • Amakuru yiminsi.Wamye utwitaho kuva Tanzanie narinziko ushitse muburayi uhinduka nkabandi.Birampimbaye kwongera kwunva ko ukundana nkakera .Umutima wamanye wurukundo ntuze ute akaranga.Ndakurikirana cane Rhema FM ibikorwa ukora vyukwitanga kutwana tutagira abavyeyi.Basha isase riva kucuma umeze nka papa wawe.Abandi batubwira ko muburayi ari mwijuru.Ariko biratunezera ingene uturemesha mubiyago no muturirimbo.Imana ikujimbere abamye bavuga ko arubupararanganyi mazopfa bavuga.Turinyuma yawe.

  • Birantangaje kukwunva kandi.En 10 eme annee Lycee de la lumiere twibaza ngo nubupararanganyi.None invugo yabaye ingiro.Wamye uvuga ko ukunda Lucky Dube none yarapfuye ugomba umusubirire.Turagukurikinara cane .Ramba uwukwanka azokwandureko.Utubere ambassadeur nayo abazi ko bari mwijuru muburayi bwanyu muti murambe simwijuru.

  • Mana yanje.Sinarinziko bwabupararanganyi bwovuyemwo ibikorwa!!!!!!.Ndatangaye uko waganiriza abantu ubunaho nukwitaho impfuvyi utigeze uvyara !!!!! Vyakomeye birampimbaye Imana iguhe kuramba.Nunvise ngo wama uza ugasubira ntanaguhaye cadeaux .Ariko ntaco uwomutima ninkuwa papa wawe peeeeee.songa mbele

  • Noneho birakomeye.BBC na Isanganiro basigaye bagucishako.Pas possible.Mon ferré utanfukanye nabandi bigira ibihangange bashitse kururworusi ngo nuburayi.Madame wawe yaraguyeko wamye ubivuga ko uzoba umurifinvyi yubipinga noneho inkofero yakire ndemeye.Tuzosanuka uri président umunsi umwe.Sha tu es déterminé ndemeye.Terimbere kimwe gusa uzonyibuke nkakera en 7 ème année

  • Ndamukije cane gose umurironvyi wa gospel aba muhihugu ca CANADA Isack Nkorerimana.Nukuri maze gusoma inkuru ziwe zerekeye ikigo NKOREHOUSE kiri Nyanza Lac narahishikoye mbona ibikorwa vyiwe bishimishije.Nukuri nabuze uko nahikira abatehetai bacu bamuahihikire kuko afise umugambi mwiza kugihugu kuko nibenshi bafise ibirara hanze no munzu batiyunvira abana bimpfuvyi.Nukuri ndateye intege umukuru wihihuhu cacu PIERRE NKURUNZIZA twitoreye azohiahikire amufate mumuhongo.Imana izobahemba nkuko mwama mwatwitayeho twebwe abanyagihuhu.

  • Mahoro cane Nkorerimana isack.Mba Ngozi ariko birampimbaye cane gose kumutima ufise wikigongwe mugufasha udukaye nudukaramu utwana tutagira icapfo nicaruguru.Abakwanka bazoba benshi ariko ntuze uhengeshanye gukora iciza.Iyaba ndumukuru wigihugu nohishikiye nkagutera impungenge.Ariko ikintu cose numwanya waco.Kimwe uzokwame ufise uyomwete umunsi umwe imana izogushumbusha.Hezagirwa.

  • Twipfuza ko umukuru wigihugu yoahigikira ibikorwa vyabaririnvyi.Murakoze cane

  • Ndanezerejejwe cane nukubona invukira ya Nyanza Lac aba mumahanga atibahira aho avuka.Turinyuma yawe mumuziki wa Gospel uwukwanka azimene.Terimbere nkumuzinga turabona ko utigize nkabandi batubwira ngo muburayi ni paradison.Courage.Ahubwo duhe iyindi Album nshasha kuko twebwe tukwunva kuma Radio ariko tuba dushaka natwe kugaceza kari hafi yacu.Ramba ramba

  • Terimbere nkumuzinga abakwanka bazokwandureko.Twebwe turinyuma yawe.Uritaho abana bimpfuvyi atavyinshi ufise ababifise birara hanze no munzu uwomutima batawufise.Turakwiteze Makamba Nyanza Lac.Songa mbele

  • Amakuru yawe Isack ababa Makamba turitezeko uzotuzanira Bibiliya yabaye utudandazwa.Komera ariko kuba magabo abansi barakaka.Turagushigikiye kugikorwa cimpfuvyi.Imana ikwongerereze aho ukura.

  • Ramba ndaziko abazorondera kugukubita hasi mumuziki ntibazobura.Ariko nibibonekeza tuzobahangamaso.Komera mutama wacu ahuri abanywanyi bumuziki turaguhanze amaso.

  • Umurririnvyi agira abansi benshi.Ntutinye kuko nibakurwanya ico Imana yagushizemqo ntaco baziba.Fizzo ngo ataco umaze ntibakuvuga.Nawe abakwanka ntibazobura.Tubere ambassadeur nayo abandi binyegeje iyo banka igihugu ngo nimwijuru.Zirashobora guhindura imirisho bakagaruka aho bataye uruzogi.Ramba ramba

  • Ndakwibuka kuri lycée de la lumière ingene wantiza ikaramu.Ntibintangaje kwunva ufasha abana bo mwibarabara utanavyaye.Isase riva kucuma na papa wawe niko yamye.Abana 27 usomesha mukigo NKOREHOUSE Imana izogushumbusha.Bandanya uronka nukwamana uwomutima wurukundo.

  • Imana ishimwe.Ndabona kuri RTNB ibikorwa vyo gufasha abana bimpfuvyi bihimbaye.YESU aguhezagirane numuryango wawe.

  • Yesu ashimwe.Ndi numunezero ntangere yugushima Imana kubikorwa vyukwitangira abana batagira abavyeyi ukora.Reka nkubwire ize iguhe kuramba nka papa wawe nuburwaneza nka papa wawe.Papa wawe akunda gutwenga kuganiriza uwariwe wese .Yesu aze aguhe ivyo wipfuza vyose.

  • Amakuru Isack .Turagushihikiye kumigambi yawe yuguteza imbere urwaruka rushasha.Komera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.