Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Jean Claude Masezerano agiye gushira ahabona indirimbo yiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Jean Claude Masezerano agiye gushira ahabona indirimbo yiwe (...)

Umuririmvyi Jean Claude Masezerano agiye gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyo yabishikirije abamenyeshamakuru mu kiganiro yaremesheje kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Kigarama, aho yagomba aje gusangira Noweri n’abana batishoboye bo mu Ruziba.

Aho yariko ategura kuja gusangira Noweri n’abana batishoboye bo mu Ruziba, mu ntumbero yo kuba hafi abatishoboye, Masezerano Jean Claude asanzwe akora indirimbo zikozwe n’ibicurarangisho (music live) yaremesheje ico kiganiro ku bamenyesha makuru, mu ntumbero yo gutangaza igikorwa kijanye no gushira ahabona ururirimbo rwiwe rushasha.

Masezerano avuga ko ururirimbo agiye gushira ahabona rukozwe mu buhinga atahora akoreramwo bwa Afrobit, akaba yashatse gushiramwo akaranga nyafrika.
Uwo muririmvyi avuga ko yahisemwo ikibanza citiriwe ukwikukira kugirango ururirimbo ruzokwumvirizwe na benshi.

« Ikibanza co kwikukira kiri ahantu heza mu gisagara hagati, kandi ni ahantu hiyaguye umuntu wese azoza agashobora kwumva ururirimbo, gutyo impanuro nashizemwo zizoshobore gufasha abazonyumviriza. »

Urwo ruririmbo rukaba ruri mu rukurikirane yise "Uruwera" rugizwe n’indirimbo 14, murizo izigera kuri 4 zikaba zari zisanzwe zimenyerewe. Umuririmvyi Jean Claude Masezerano yamenyekaniye cane mu ruririmbo "Sinzotinya" yakoranye n’igihangange Dudu.

Umviriza ururirimbo "Sinzotinya"


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.