Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo nshasha izohinyanyurirwa muri Afrika

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 Myandagaro 2017 saa 09:27
Yasomwe : 3087
19 0

Umuririmvyi w’umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Australiya agiye gushira ahabona indirimbo nshasha yise ‘’Igitego’’. Muri iyo ndirimbo, Jean Marie Ahishakiye atanga ubutumwa ko iyo umuntu yigenjeje neza mu buzima, ashika kuco ashaka cose.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha ko mu ndirimbo ‘’igitego’’ atanga akarorero k’umukinyi w’umupira w’amaguru agerageza kugira icenga iyo yigenjeje neza igitego kikinjira.

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko ubutumwa ashaka gutanga muri iyo ndirimbo ’’igitego’’ ari uko mu buzima bwa minsi yose ata muntu n’umwe yankwa na bose canke akundwe na bose, kuko n’Imana yaturemye hari abatayemera.

Kubwa Jean Marie AHISHAKIYE igitego cinjira mu buzima avuga mu ndirimbo yiwe ni mu gihe abantu baguhisha ko bakwanka nawe ukabahisha ko ubizi mugaca mubana nk’abavukanyi.

Indirimbo ‘’igitego’’ ya Jean Marie AHISHAKIYE ntiraja mu nzu yo guhinyanyura indirimbo (studio), ariko amenyesha ko iyi ndirimbo ategekanya kuyikorera mu nzu imwe ihinyanyura umuziki yo mu gihugu kiri ku mugabane wa Afrika, akazoca ayikorera n’amashusho.

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE ahamagarira abakunzi b’umuziki w’Uburundi kwitaho abaririmvyi b’abarundi kandi bakabashigikira mu bijanye n’uburyo, kuko Uburundi bufise abaririmvyi benshi kandi bashoboye, ariko uburyo bubagora.

Jean Mari AHISHAKIYE yemerera abakunzi b’umuziki ko azokora ibishoboka vyose kugira indirimbo ‘’igitego’’ ishikire benshi bashoboka.


Kumenyekanisha

1
Esro ke brouno 24-08-2017 à 14:13

Ndagushigikiye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha