Uganda : Umushingamateka-muririmvyi Bobi Wine yari yafashwe yagirizwa ivyo yavugiye mu nama nshingamateka

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 27 Nyakanga 2017 saa 08:35
Yasomwe : 9666
0 0

Umushingamateka akaba n’umuririmvyi wo mu gihugu ca Uganda, Bobi Wine yarekuwe inyuma y’amasaha makeyi apfungiwe ku kirindiro c’inyamiramabi. Uwo munyeporitike azira amajambo yavugiye mw’ikoraniro ry’abagize inama nshingamateka y’Ubuganda.

Robert Ssentamu Kyagulanyi azwi kw’izina rya Bobi Wine, yatowe mu karere ka Kyadondo, yaharitswe ku kibuga c’indege c’i Entebbe avuye i New York, imyamiramabi zategeka kuzibira imiduga y’abakunzi biwe bari bagiye kumutegera.

Amakuru ava aho mu Buganda, avuga ko umuririmvyi-mushingamateka Bobi Wine yahagiritswe kugira yishure ku majambo yabwiye bagenzi we mw’ikoraniro ry’icumi ry’inama nshingamateka y’ico gihugu. Iryo koraniro ryari rifise intumbero yo guhindura ingingo ivuga ibijanye n’imyaka umukuru w’ico gihugu atorenza kubera ubusaza.

Bobi Wine yoba yabwiye abashingamateka bagenzi we ko hamwe bokwemera guhindura iyo ngingo boba bariko bashayisha igihugu muri kazoza. Yagize ati : "Aho guhindura ibiri mw’ibwirizwa nshingiro, abashingamateka bofatanye mu nda mu gutora inyishu y’ibibazo bikomakomeye bihanze igihugu."

Muri ivyo bibazo bihanze igihugu, uwo mushingamateka adoma urutoki ku kutakira neza abitura ibiro vya Reta, abantu bicwa mu buryo budasiguritse n’ibindi. Arongera ati : "Abana bacu bahanganye n’igipfungu ca kazoza aho ubushomeri bwiraye. Amadeni ya Reta yatugize abaja, hama inkoho zikagirwa inyobozo. Ikirezi ca Afrika gisigaye ari akamaramaza mu bindi bihugu."

Muri ayo makuru nyene, umushingamateka Bobi Wine ati:" Ariko ku nyishu y’ivyo vyose, abatorewe gutwara inama nshingamateka bakibaza ko inyishu nyayo y’ivyo bibazo n’akagaye ku gihugu ari guhindura agace k’ibwirizwa nshingira gashira akarimbi ku myaka y’umukuru w’igihugu hama abandanye mu bintu bidatahuritse. Aho kwiyumvira ingene bokura Abaganda mu kajagari, bariko barondera gushikana hasi igihugu gusumba".

Bobi abandanya ati : "Muri abahemu, mwaragurishije ubwenge bwanyu ariko kahise kazobaburanya. Mwategerezwa kumenya ko ari abana n’abuzukuru banyu bazotorana aka kajagari muriko mushiraho".

Inyuma y’amasaha atari make ariko yumvirizwa n’inyamiramabi, Bobi yahavuye arekurwa.

Bobi Wine yatowe kuba umushingamateka mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi 2017, inyuma yaho amatora yo mu mwaka w’i 2016 asubiriwemwo. Uwo muririmvyi wo mu mudiho wa Raggae azwi cane mu ndirimbo nka "Kadingo", " Dembe" n’izindi. Uwo rero arakunzwe cane aho muri Uganda kubera kutarya umunwa ku bitagenda neza mu gihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha