Umuririmvyi Natasha NGENDABANKA yagarutse mu gihugu

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 4 Myandagaro 2017 saa 05:33
Yasomwe : 13464
0 0

Umuririmvyi Natacha NGENDABANKA ahejeje gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, aganutse ava mu karuhuko yaramazemwo igihe mu mahanga. Natacha azanywe no kubandanya akazi kiwe ko mu gice ca kabiri c’umwaka.

Ari kumwe n’abana biwe babiri, umugabo wiwe n’uwo bavukana, Natacha NGENDABANKA ahejeje gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Amakuru duhabwa na Raphael ajejwe gutanga amakuru kwa Natacha, atubwira ko uwo muririmvyikazi yaronse ukanya keza ko kuruhuka no kudyoherwa nk’uko yavyipfuza.

Uwo nyene abandanya atumenyesha ko azanywe kandi no kubandanya akazi kiwe ko kurangiza igice ca kabiri c’umwaka. Muri ivyo harimwo ibiteramo bibiri ategerezwa kuririmbamwo. Kimwe muri ivyo, n’igiteramo ca Dunda na BujaFm 2017 kizoba ku w’Imana igenekerezo rya 06 Myandagaro.

Si ico gusa, Natacha yagiye mu karuhuko asize yemeye guserukira ihiganwa rya teguwe na RTNB, n’ico giteramo kiri mu bikorwa vya vuba agiye gukora, ico naco kizoba ari kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro. Raphael abandanya avuga ko integuro y’ibindi bikorwa vyo guheza umwaka bigiye kuja ahabona mu minsi iri imbere.

Tubibutse ko Natacha yafashe urugendo rumushikana mu gihugu c’Ubutariyano inyuma y’iminsi mikeyi ahawe agashimwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, hari kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro aho Uburundi bwahimbaza imyaka 55 yari iheze bwikukiye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha