IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yashize ahabona indirimbo nshasha

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yashize ahabona indirimbo nshasha

mercredi 31 Rusama 2017

Yves KAMIKIWE amenyesha ko iyo ndirimbo yayanditse afise intumbero yo gutanga ubutumwa ku mugenzi wiwe yagiye mu mahanga,kugira agaruke amwereke ubwiza bw’Uburundi,abonereho n’akaryo ko kumumara inkumbu.

Mu ntumbero yo kwerekana ico iyo ndirimbo yisangije Yves KAMIKIWE yavuze ati :«Indirimbo nshasha ‘’Ni uve mu mahanga’’ ifise ico yisangije,kuko ivugijwe mu mudiho w’ikirundi.»

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha kandi ko indirimbo ‘’Ni uve mu mahanga’’ izocishwa cane ku buhinga bwa none, mu ntumbero yo gutuma abari mu mahanga bashikirwa n’ubutumwa buvuga ibibanza vyiza vy’iratiro biri mu Burundi,gutyo bagaruke kuraba ubwiza bw’igihugu babubwire n’abanyamahanga.

Yves KAMIKIWE agasaba abakunzi b’umuziki bose kwitaba igiteramo ategura kuremesha kw ‘isango azomenyesha, aho azoba ariko ashira ahabona urukurikirane rushasha ‘’Umwanya’’.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.