Umurwi Mirror Team urageramiwe n’ugusambuka

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 14 Myandagaro 2017 saa 04:10
Yasomwe : 5229
0 0

Umusore umwe mu bagize umurwi "Mirror Team" yasezeye ibikorwa vyo mu murwi. Yitavye umuhamagaro amaranye iminsi itari mike nk’uko avyiyemerera. Abasigaranye umurwi ntibahimbawe n’ukugenda kwiwe. Uwo muririmvyi si we wa mbere asezeye muri Mirror Team.

Umusore azwi Kw’izina rya Aimé Loverness yahora arongoye umurwi MirrorTeam yemanze ko yasezeye kuririmba muri uwo murwi. Mu gihe imirwi myinshi isamburwa no kudahuza kw’abayigize, muri Mirror Team siko vyagenze.

Aimé Loverrness avuga ati : "Hari igihe gufata ingingo biba bigoye, na cane cane iyo usanze ko ugiye guheba ivyo warondeye n’umutima n’inguvu zawe zose, iyo uravye intambwe muba mugezeko canke umuryango uba waraharonse, ariko kandi n’ubwo uba uri umu "Leader", iyo haje irindi jwi ry’umu "Leader des leaders" rikubwira ibitandukanye n’ivyo warimwo, n’ubwo wokwigira ko utaryumvise canke ukigira simbona, ni ivy’akanya gato utegerezwa kurekura kuko ngo hari impamvu yagutoye muri benshi."

JPEG - 35.3 ko
Aimé Loverrness yahora arongoye umurwi Mirror Team

Aimé yongera ati : "Naragerageje kwigira umuhinga mu gutahura ko ntota MirrorTeam, nirengagiza ico Imana inshakako ariko incuro zose nabigerageje niho natahura ko Imana idaharirizwa kandi idafyina." Aimé Loverness yemenga ko yitavye akamo k’Imana, kuko agiye kuririmbira iyo Mana.

Umurwi w’abaririmvyi Mirror Team si ubwa mbere uvamwo umwe mu bawugize. Watanguye ugizwe n’imisore itanu. Ubwa mbere hagiye uwitwa Landry, ubu naho hagiye Aimé Loverness yari anawurongoye.

Tubibutse ko umurwi Mirror Team usigayemwo abasore Nick, Patrick Dizzy na Patrick.


Kumenyekanisha

1
Ntawumenya 14-08-2017 à 21:30

nta mana itandukanya abayo mubu umwe nkuko jw na data turmwe kandi amacakubiri ategwa numgwanizi

2
Ntawumenya 14-08-2017 à 21:30

nta mana itandukanya abayo mubu umwe nkuko jw na data turmwe kandi amacakubiri ategwa numgwanizi

3
hamza 14-08-2017 à 19:18

nakundi agenda ukire igikorwa cimana

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha