IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ururirimbo "Babongere" ruriko rutera ibibazo

Ururirimbo "Babongere" ruriko rutera ibibazo

samedi 2 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Hari ururirimbo bise "Babongere" ruriko rukorerwa muri Ikoh Multiservice, rugiye no gusohoka mu ntango z’indwi tugiye gutangura (Nk’uko amakuru dukura muri Ikoh avyemeza). Urwo ruririmbo ruriko ruvugwako amajambo menshi. Hari amakuru amaze kumenyekana ko ryakozwe n’abaririmvyi : Double Jay, Franck Duniano, Prince Mshindi hamwe na Big Zoe.

Abo baririmvyi uko ari bane, babiri muri bo ni bakaruhariwe mu kuririmba za ndirimbo zitazira Imana (Gospels), abo ni Prince Mshindi hamwe na Big Zoe. Abo rero bagiye hamwe na Double Jay na Franck Duniano, bakorana ururirimbo "Babongere". Imbere y’uko ubutumwa buri muri rwo bumenyekana, hari abatanguye kwibaza namba Double Jay na Franck Duniano bagiye gutangura kuririmbira Imana nk’uko vyabaye kuri Mkombozi, canke namba Big Zoe na Mshindi boba baguye.

Tubajije muri Ikoh batubwira ko ayo makenga canke ivyo bibazo vyose bizokwishurwa mu ntango z’iyo ndwi, aho ururirimbo ruzosohokera, ariko, Haruna araremesha ko atawuzotirimutswa n’ubutumwa bwa " Babongere".

Tubamenyeshe ko urwo ruririmbo "Babongere" ruzoba rugize indwi mu rukurikirane rugiye kuzoja ahabona mu biteramo bigiye kuzoba ku magenekerezo ya 23, 25 na 31 I Gitega, Makamba na Bujumbura.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • None uwahora aririmba indirimbo zo gutazira Imana canke zirora ku Mana agacishamwo akaririmba izindi nk’izisaba gusubiza hamwe,gukingira ibidukikije,kugira ubutungane,...aba aguye dufasha ico abantu bita ’kurwa’? Canke uwahora aririmba indirimbo twita’ iz’isi’ ahinduye akaririmba izo gutazira Imana aba ’avyutse’? Hari inyishu iduha ibi vyose.Iyo nayo tuyikura mw’ijambo ry’Imana ubwaryo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.