Vestine Anrison yasohoye video ya "Freedom" muri Yesu

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 27 Gitugutu 2017 saa 09:25
Yasomwe : 4185
0 0

Umuririmvyikazi Vestine Anrison yashize ahabona isanamu y’ururirimbo "Freedom". Uwo muririmvyikazi akunzwe cane mu Burundi asanzwe ari no mw’ihiganwa ryateguwe n’Isanganiro.

Ururirimbo "Freedom" rwakozwe mu mudiho wa Raggae n’umuhinyanyuzi Amir Pro, amasanamu agakorwa na "Grand Pictures", rwaraye rusohorewe amasanamu. Urwo ruririmob ni rumwe mu ndirimbo zitari nke amaze gusohora no gukorera amasanamu. "Freedom" kandi nirwo ruririmbo rwatwaye izina ry’urukurikirane rwa mbere rwa Anrison.

Tubibutse ko Vestine, aririmba za ndirimbo zihimbaza Imana "Gospel", aho amaze kuronka n’agashimwe k’umuririmvyikazi muri ico gisata. Ubu naho Vestine ari mw’ihiganwa ry’Isanganiro Awards.

Muri iryo higanwa, afisemwo indirimbo zibiri : "Vuga" (rwakunzwe cane) na "Freedom" rwatwaye izina ry’urukurikirane.

Ururirimbo "Freedom"


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha