Yoya Jamal yerekanye amajambo agize ururirimbo " Wagiye he"

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 5 Nyakanga 2017 saa 01:37
Yasomwe : 8577
0 0

Naho yari amaze igihe ari mu gacerere, umuririmvyi Yoya Jamal yashize ahabona amajambo ari mu ruririmbo ’’Wagiye he’’.

Kwerekana amajambo agize ururirimbo vyabaye umugenzo mu baririmvyi batandukanye kuko bijukiye ico gikorwa.

Amajambo ari mu bitero n’ivyitabirizo vy’ururirimbo "Wagiye he" ni yo Yoya yerekanye mw’isanamu y’amajambo(vidéo lyrics". Ubwo buhinga bwo kwerekana amajambo agize indirimbo(Lyrics) buriko busasagara mu baririmvyi bo mu Burundi.

Ivyo vyari bisanzwe bikorwa n’abaririmvyi bo mu bihugu bimaze gutera imbere mu muziki.
"Lyrics" zifasha umukunzi w’ururirimbo kurushirizaho kurukunda kubera arutahura.

Tubibutse ko Yoya Jamal amaze igihe akorera ibikorwa vyiwe inyuma y’igihugu.

Umviriza indirimbo ’’Wagiye he’’


Kumenyekanisha

1
Peace 10-09-2017 à 18:07

Wow! Yoya ndaryohegwa no kumva ijwi ryawe, ururirimbo ni sawa kabisa.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha