Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Akon yasabwe na Sentare kwitwararika abana yavyaye hanze
Akon yasabwe na Sentare kwitwararika abana yavyaye hanze
mardi 21 Rusama 2013
Umuririmvyi rurangiranwa Akon yategetswe na sentare nkuru ya Leta ya Georgia kuza aratanga amafaranga y’amadolare y’abanyamerika angana 5 000 uko ukwezi gutashe yo gufasha abana biwe yavyaye hanze mu myaka y’2008 n’2009.
Akon yemera ko ari se w’abo bana akemera gukora ivyo vyose asabwa, ariko akanasaba ko bamuha uburenganzira bwo kugira uruhara mu ngingo zose zifatirwa abo bana biwe.
Nk’uko inyandiko za Sentare zivyerekana, Akon afise abandi bana 6 afasha buri kwezi, ivyo kandi akabikora atabibwirijwe n’umuntu uwo ariwe wese. Ibi bikaba bitanga icizere ko ivyo asabwe na sentare azobikora neza.
Uwo muririmvyi rurangiranwa akon mu bisanzwe yitwa Aliaune Damala Badara Thiam, akomoka mu gihugu ca Senegal ariko afise ubwenegihugu bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba azwi ko yavyaranye n’abagore batandukanye. Mu myaka iheze yigeze gutangaza ko ashaka kugera ikirenge muca se, nawe akagira abagore batandatu.
Joel sengurebe
Messages
9 Ruheshi 2017, 21:03, par RUKUNDO J’PAUL
JEW NIBAZ NK’UMUSANI RURANGIRANWA NKA AKON ATONANIRWA NAYO MAHERA BAMUSABA HAMWE YONANIRWA YOBA ADAKUNDA ABANA BIWE