Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akon yasabwe na Sentare kwitwararika abana yavyaye hanze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Akon yasabwe na Sentare kwitwararika abana yavyaye hanze

Akon yasabwe na Sentare kwitwararika abana yavyaye hanze

mardi 21 Rusama 2013

Umuririmvyi rurangiranwa Akon yategetswe na sentare nkuru ya Leta ya Georgia kuza aratanga amafaranga y’amadolare y’abanyamerika angana 5 000 uko ukwezi gutashe yo gufasha abana biwe yavyaye hanze mu myaka y’2008 n’2009.

Akon yemera ko ari se w’abo bana akemera gukora ivyo vyose asabwa, ariko akanasaba ko bamuha uburenganzira bwo kugira uruhara mu ngingo zose zifatirwa abo bana biwe.

Nk’uko inyandiko za Sentare zivyerekana, Akon afise abandi bana 6 afasha buri kwezi, ivyo kandi akabikora atabibwirijwe n’umuntu uwo ariwe wese. Ibi bikaba bitanga icizere ko ivyo asabwe na sentare azobikora neza.

Uwo muririmvyi rurangiranwa akon mu bisanzwe yitwa Aliaune Damala Badara Thiam, akomoka mu gihugu ca Senegal ariko afise ubwenegihugu bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba azwi ko yavyaranye n’abagore batandukanye. Mu myaka iheze yigeze gutangaza ko ashaka kugera ikirenge muca se, nawe akagira abagore batandatu.


Joel sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.