Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Inkuru > Alida aravuga ivyo afatirako mu kwemeza ko igiteramo ciwe kidasanzwe
Alida aravuga ivyo afatirako mu kwemeza ko igiteramo ciwe kidasanzwe
mercredi 1er Gitugutu 2014
Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye ariko ategura igiteramo ca mbere c’ugutangaza indirimbo nshasha zitari bwasohoke, n’urukurikirane rwa mbere ruzoja ahabona.

Alida aremeza ko ico giteramo kizoba ntibagirwa kuri we no ku bazoba bacitavye kuko citeguriwe bihagije. Ikindi avuga n’uko umurwi Moucho bazofadikanya ico giteramo basanzwe bamenyeranye, aha avuga nka Arnaud Nganji. Akabirya k’igiteramo, n’uko Alida azotekurura agatu gatekeye urukurikirane rwiwe rwa mbere nk’ishikanwa ry’abakunzi biwe. Ikindi mbonekarimwe ari kandi n’umushinge w’igiteramo, ni isanamu izofatirwa aho nyene (DVD Live) kuko indirimbo zizovuzwa mu buryo bwa "Live". Ivyo vyose bizobera mu giteramo co kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu mu kigo c’Abafaransa c’i Bujumbura (IFB).
Urukurukirane (Album) yise "Mamaland" Alida azoshira ahabona kuri uwo munsi w’igitermo rugizwe n’indirimbo 10, zirimwo 4 zamaze gukorerwa amasanamu. Zimwe murizo ni nka Mamaland, Stay with me, Let it go, I Feel alright n’izindi. Mu majambo y’umutwe y’indirimbo ziwe habonekamwo icongereza cinshi ariko Alida avuga ati : " Umuntu aha Titre indirimbo atarabiye ururimi ayiririmbamwo. Titre ni nka résumé y’ibivugwa mu ndirimbo ntakindi. Jewe mvanga indimi nyinshi kuko sindirimbira Abarundi gusa, n’indirimbo zanje si Abarundi gusa bazumviriza. Rero ngerageza gushimisha abantu ahongeza mu ndimi ndirimbamwo haba Anglais, Kirundi, Français na Swahili".
Tubibutse ko inyuma y’ibikorwa vya Primusic yari amazemwo iminsi, biboneka ko Alida azanye inguvu ziruta izo yahorana nk’umuririmvyi.
Umviriza aha munsi "Kankarana" ni rumwe mu ndirimbo nshasha za Alida
Cherif Nkeshimana