IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Inkuru > Alida Baranyizigiye aje yazikenyeye

Alida Baranyizigiye aje yazikenyeye

vendredi 10 Gitugutu 2014

Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye yururutse indege aje kw’isango rw’igiteramo kidasanzwe amaze iminsi yitegurira.

Alida Baranyizigiye ashitse ku kibuga c'indege c'i Bujumbura

Alida ntacererwa kw’isango, mu gitondo c’uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 10 Gitugugu, Alida yururutse indege ava mu gihugu c’Urwanda aho asanzwe arangurira imirimo yiwe. Aje mu Burundi mu giteramo kidasanzwe afashanya n’umurwi "Moutcho". Mu bibazo vy’abamenyeshamakuru, yabajijwe igituma atabonetse mu giteramo ca Sat b kandi yari ku rutonde, nawe yishura ko bamushize ku rutonde batamugishije inama. Ku kibazo c’igiteramo ciwe cahuriranye n’umunsi wahariwe ikinyobwa ca Amstel, Alida ati :" Abakunzi banje ndazi ko batampeba".

Ico giteramo ntigisanzwe, Alida ashikiriza abakunzi biwe urukurikirane rwa mbere "Mamaland" rugizwe n’indirimbo 10, iruhande y’izo ndirimbo hari ururirimbo yateguriye igiteramo c’uno munsi.

Ico giteramo kibera mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura kuva isaha imwe z’ijoro (19h00), ibisigaye bisome ku rupapuro ntangazagiteramo aha munsi.

Umviriza urabe n’isanamu "Mamaland" yitiriwe urukurikirane "Mamaland"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.