Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki Alida BARANYIZIGIYE yoba yafashe ingingo yo kuririmbira Imana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Inkuru > Kuki Alida BARANYIZIGIYE yoba yafashe ingingo yo kuririmbira Imana (...)

Kuki Alida BARANYIZIGIYE yoba yafashe ingingo yo kuririmbira Imana gusa

jeudi 4 Kigarama 2014

Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye bivugwa ko yahinduye intumbero yo gukora umuziki wiwe. Alida yoba yafashe ingingo yo kutazosubira kuririmba indirimbo zifise ubutumwa butandukanye (profane).

Alida yafashe ingingo yo gutangura kuririmbira Imana, ubutumwa bwose agiye gutanga mu ndirimbo ziwe buzoba bwerekeye amajambo y’Imana gusa. Indirimbo zifise ubutumwa butandukanye nko kuryoherwa n’ivyisi haba mu rukundo canke gutamba ibi canke biriya, nta kibanza mu vyiyumviro vya Alida.

Naho uwo muririmvyi ataravyemeza ku mugaragaro, hari ibimenyetso bimwe bimwe bishobora kwerekana ko yatanguye kwiyegereza cane Imana. Ivyo biboneka mu majambo asa nay’umuntu yahindukije amaso akabona Imana. Ayo majambo yanditse ku ruhome rwiwe rw’umurongo wa Facebook. Akarorero : kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo, Alida yatangaje (publier) ati : "Life in Jesus is Good life". Bisigura:" Ubuzima muri Yezu (su) nibwo buzima bwiza", canke ati :"How ’bout singing only Gospel????", bisigura:" mbega kuririmba indirimbo z’Imana gusa??"Si ico cemeza gusa, hari n’amasanamu (video) y’indirimbo z’Imana zakozwe n’abandi baririmvyi asigaye atanganza kuri facebook.

Hari amakuru avuga ko Alida yoba yahisemwo iyo nzira y’amasengesho kubera hari igihe yanywa inzoga nyinshi zikamutuma akora ibitaroranye, ayo makuru abivuga afatiye ku mafoto yiwe igihe yari muri Studio ya African Sound Records afise ikirahuri c’inzoga hamwe n’ukuntu yifotoza ameze. Turiko turamurondera aduhe umuco kuri ayo makuru amuvugwako.

Amwe mu mafoto canke ivyandiko biri kuri Facebook ya Alida yerekana ko yoba yafashe inzira ija ku Mana :

Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "I Feel Alright" ya Alida


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.