IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > Indirimbo > Amwe mu masanamu amaze kuja ahabona harimwo iy’umwigeme yambaye (...)

Amwe mu masanamu amaze kuja ahabona harimwo iy’umwigeme yambaye izuba

samedi 15 Ntwarante 2014

Ururirimbo rushasha rwa The Sun canke Emery Sun rubonekamwo umwigeme yambaye ubusa igice kitari gito c’umubiri wiwe. Ivyo biboneka kuri amwe mu masanamu yakoreshejwe muri urwo ruririmbo amaze kuja ahabona.

Ururirimbo rw’umuririmvyi Emery Sun rwasohotse amajwi, yise "Wa wundi" amasanamu yarwo ntarahera gukorwa ariko ari k’umuhinyanyuzi Black Arthur. Muri urwo ruririmbo rumaze kuryohera amatwi y’abarwumviriza rufise amajambo akwirikira ari mu citabirizo.

Icitabirizo kirimwo aya amajambo:" Haba mu ci canke mu rushana, imyaka ikurakuranwa, ikaza iyindi ikagenda, nzoguma ndi wa wundi".

Amwe mu masanamu y’urwo ruririmbo amaze kuja ahabona habonekamwo umukobwa yambaye izuba igice kitari gito c’umubiri wiwe.

Amwe mu masanamu amaze kuja ahabona

Umviriza ururirimbo "Wa wundi" rwa Emery Sun


Chérif Nkeshimana

Messages

  • emwe birateye isoni muburundi iyo siyo mico yacu.

  • Jewe nibaza ko Abarundi bamwe bamwe banywa Drug, kuko ntivyumvikana ingene bemera kandi bakerekana imibiri yabo. Ndavye nka Farious aririmba indirimbo irimwo ibishegu vyo gutukana, mbe mwebwe Journalists gusohora ayo masanamu nizo ndirimbo muba muriko mufasha iki Societe burundaise, mwisubireko namwe, mukore ibihimbara abavyeyi n’abumva izo ndirimbo. Ariko nkirya ndirimbo ya Farious irimvo ( mother fucker:) ntimubona ko atukana atandero namba afise. Murakoze

  • Mwiriwe. Muncamake,abavyeyi nibo noshirako krypton bara. Ubwabo navigue nyene ubukene benshi bagenda nja gusa, abana babirabira kuribo. Nitwikebukettwebwe abavyeyi, abana bazoboneraho.murakoze.

  • mwebwe aba menyesha makuru mwihuta kubishira kumboneshakure mutabisuzumye ego nibabigir ariko zirabwe nuwuzishaka azihigire kuma cd cank kuma clé usb apana kuma tv arabwa nabakiri bato ls media mwubahiriz imico yacu!

  • Uwo Muririmvy Turamufan Twebw Abany Rutana Nuko Iyondirimb Shash Tutara Yumv Ibih Vyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.