Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > Indirimbo > Igice c’isanamu y’ururirimbo rwa Emery Sun cabonekamwo umukobwa yambaye izuba (...)
Igice c’isanamu y’ururirimbo rwa Emery Sun cabonekamwo umukobwa yambaye izuba caragabanijwe
lundi 21 Ndamukiza 2014
Isanamu (Video) y’ururirimbo rwa Emery Sun canke the Sun yise "Wawundi" yagiye ahabona. Ururirimbo rufise amajambo y’urukundo aryohera amatwi. Iyo sanamu (Video) y’ururirimbo "Wawundi" itarahera gukorwa yabonekamwo agace k’umukobwa yambaye ubusa.

Intangamarara y’isanamu (Video) y’ururirimbo rwa Emery Sun canke the Sun yarabonekamwo agace umukobwa yagaragara yambaye ubusa, ari mu cumba c’ubwogero. Iyo sanamu ubu iri ku mugaragaro ka gace karimwo wa mukobwa ntikaboneka cane. Kuri ivyo twibaza ko umuhinyanyuzi Black Arthur wo muri African Sound Record yoba yaravuganye na Emery Sun bakagabanya ako gace, kuko ubu ni gato cane kandi ntaco kishe. Ivyo rero bica biba inyishu ku basomyi bacu basaba ko amasanamu yokorwa neza ariko akagumana akaranga k’Uburundi.
Mwomenya ko umuririmvyi Emery Sun amaze gufata ikibanza mu muziki w’Uburundi, aho indirimbo ziwe zikundwa, cane cane indirimbo z’urukundo usanga zifise amajambo nkora mutima. Benshi bamuzi mu ndirimbo nka "Ijisho ry’umutima" canke "Ka gafoto "
- Iyi sanamu yoba yakuwe muri Video


Umviriza wongere wirabire isanamu y’ururirimbo "Wawundi" rwa Emery Sun
Chérif Nkeshimana
Messages
16 Ndamukiza 2018, 09:07, par John
Ndumva Ko Vyar Vyarenz Kbs