Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igice c’isanamu y’ururirimbo rwa Emery Sun cabonekamwo umukobwa yambaye izuba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > Indirimbo > Igice c’isanamu y’ururirimbo rwa Emery Sun cabonekamwo umukobwa yambaye izuba (...)

Igice c’isanamu y’ururirimbo rwa Emery Sun cabonekamwo umukobwa yambaye izuba caragabanijwe

lundi 21 Ndamukiza 2014

Isanamu (Video) y’ururirimbo rwa Emery Sun canke the Sun yise "Wawundi" yagiye ahabona. Ururirimbo rufise amajambo y’urukundo aryohera amatwi. Iyo sanamu (Video) y’ururirimbo "Wawundi" itarahera gukorwa yabonekamwo agace k’umukobwa yambaye ubusa.

Intangamarara y’isanamu (Video) y’ururirimbo rwa Emery Sun canke the Sun yarabonekamwo agace umukobwa yagaragara yambaye ubusa, ari mu cumba c’ubwogero. Iyo sanamu ubu iri ku mugaragaro ka gace karimwo wa mukobwa ntikaboneka cane. Kuri ivyo twibaza ko umuhinyanyuzi Black Arthur wo muri African Sound Record yoba yaravuganye na Emery Sun bakagabanya ako gace, kuko ubu ni gato cane kandi ntaco kishe. Ivyo rero bica biba inyishu ku basomyi bacu basaba ko amasanamu yokorwa neza ariko akagumana akaranga k’Uburundi.

Mwomenya ko umuririmvyi Emery Sun amaze gufata ikibanza mu muziki w’Uburundi, aho indirimbo ziwe zikundwa, cane cane indirimbo z’urukundo usanga zifise amajambo nkora mutima. Benshi bamuzi mu ndirimbo nka "Ijisho ry’umutima" canke "Ka gafoto "

PNG - 250 ko
Iyi sanamu yoba yakuwe muri Video

Umviriza wongere wirabire isanamu y’ururirimbo "Wawundi" rwa Emery Sun


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.