Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bobona arashima ikibanza yaraye ahawe mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Bobona arashima ikibanza yaraye ahawe mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI (...)

Bobona arashima ikibanza yaraye ahawe mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI 2014"

mercredi 19 Munyonyo 2014

Ihiganwa rya Prix Découvertes RFI 2014 ryaraye rirangiye, umuririmvyi Bobona yarahagarariye Uburundi mw’ihiganwa yaronse ikibanza ca kabiri, ati : "Vyose ndabikesha uwo wese yagize ico aterera haba mu kuntora haba kumenyekanisha. Umuririmvyikazi avuka muri Sénégal niwe yatwaye ikibanza ca mbere.

JPEG - 50.4 ko
Bobona

Umuririmvyikazi wo muri Sénégal Marema niwe yaraye atsindiye agashimwe ka "Prix Découvertes RFI 2014". Umurwi utanga amanota urongowe na Fally Ipupa watoye Marema mu bandi 10 bari mw’ihiganwa kubera indirimbo ziwe zari zikozwe neza cane cane ku bijanye n’amajwi "sons" hamwe n’akaranga kuzuye. Ku ruhande rw’amajwi yatangwa n’abakunzi b’umuririmvyi, Bobona yaserukira Uburundi niwe yatowe gusumba abandi maze atwara ikibanza ca kabiri.

Nikuze Bonfis azwi kw’izina rya "Bobona", amaze kwumva iyo nkuru, yarashimye ikibanza atahukanye, ashimira abo bose bitanze kugira ashike aho. Ntaramenya neza ko azoja kugirisha igiteramo mu gihugu c’Ubufaransa kuko ntaco baramubwira. Arindiriye ico abategura ihiganwa bazomubwira. Bobona arategekanya kugira ibiteramo mu Burundi naho ataramenya neza ukwezi.

Mwomenya ko Marema aje gusubirira Smarty avuka muri Burkina Faso yatwaye ico kibanza mu mwaka w’2013.

Umviriza ururirimbo "Femmes d’Affaires" rwatumye Marema aba uwa mbere

1)

Umviriza ururirimbo "Ntiwansezeye" rwa Bobona

2)


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.