Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Umuririmvyi Bobona mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI 2014" : Ubutigu (...)
Umuririmvyi Bobona mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI 2014" : Ubutigu burageze
lundi 17 Munyonyo 2014
Ihiganwa rya "Prix Découvertes RFI 2014" rigiye kurangira. Umuririmvyi Bobona ari muri 10 batowe guhiganirwa gutwara agashimwe, avuga ko ata gisigaye atari kurindira ikizovamwo.

Aho bukera kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo, umurwi ujejwe gutanga amanota urongowe na Fally Ipupa uzokorana kugira utangaze umuririmvyi atsindiye agashimwe ka "Prix Découvertes RFI 2014" gahiganirwa abaririmvyi bo muri Afrika. Bobona canke Nikuze Bonfils yaserukiye Uburundi muri iryo higanwa agira ati : "Ubutigu burageze!". Avuga ko afise icizere kingana ibice 80%, vyerekana ko ashobora gutsinda, ariko avuga ko arindiriye ikizova mu murwi utanga amanota (jury). Bobona ati : " Ndafise icizere ariko n’ukurindira gushika ku munota wa nyuma kuko n’abo twahiganwe si abana".
Uwo muririmvyi abandanya avuga ko ashimira cane Abarundi kubera ukuntu bamuhunze amajwi. Ati : " Ivyara inyana canke ishuri (ntorwa canke ntatorwa), ndashima ukuntu nashigikiwe cane n’Abarundi", ariko notorwa vyoba ibindi".
Mwomenya ko uwutsindiye agashimwe ka "Prix Découvertes RFI 2014" asabwa kugira ibiteramo bishika kuri bitanu mu gihugu iwabo imbere y’uko aja mu gihugu c’ubufaransa. Agashimwe ko mu mwaka w’2013 katwawe n’umuririmvyi Smarty wo muri Burkina Faso.
Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Ntiwansezeye" ruri mw’igihaganwa
Cherif Nkeshimana