IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bujumbura : Umutekano wa Kidumu wongerejwe

Bujumbura : Umutekano wa Kidumu wongerejwe

mardi 6 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA benshi bazi kw’izina rya Kidumu asanzwe ari mu gisagara ca Bujumbura, ariko avugwako vyinshi, bamwe bamwagiriza ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ariko akabihakana. Kuva kuri uwu wa kabiri, umutekano wiwe wongerejwe.

Imbere y’uko yerekeza mu gihugu c’Uburundi, mu giteramo yatumiwemwo n’ubuserukizi bwa Kenya, muririmvyi rurangiranwa muri Afrika y’Ubuseruko, Nimbona Jean Pierre [Kidum Kibido Kibuganizo] yavuze ko yatewe ubwoba n’abantu bataramenyekana bamumenyesha ko niyasubira mu Burundi azoca yicwa. Kidum yanditse ubutumwa kuri Facebook yiwe amenyesha abakunzi biwe ko yiteguye gusubira mu Burundi kuhakorera igiteramo ku butumire bw’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi. Imbere y’uko aronka ubwo butumwa bw’uko azokwicwa niyaza mu Burundi, yabanje kwandika ati : "Niteguriye kuja mu Burundi kw’igenekerezo rya mbere 3 Nyakanga, mw’ihayanishwa-gurisha ryateguwe n’ubuserukizi bwa Kemya mu Burundi. Mbanje gushimira uwuserukira Kenya mu Burundi."

Nk’uko yari yavyemeye, Kidum yarashitse i Bujumbura, aho mbere kuri uwu wa gatandatu yaremesha igiteramo citabwe n’abantu benshi bamuheruka mu mwaka w’2014. Muri ico giteramo, Kidum yavuze ko yasanze amahoro n’umutekano bihari mu Burundi, ibitandukanye n’ibivugwa n’abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke mu buhungiro.

Kuri uwu wa mbere naho, Kidum yifadikanije n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mw’itanguzwa ry’urumuri rw’amahoro ruzocishwa mu gihugu cose c’Uburundi.

Amakuru yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yaciye atangura kwagiriza Kidum ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD, ivyo yiyamiriza yivuye inyuma.

Mu butumwa yatanze kuri uwu wa kabiri, Kidum yagize ati : "Ndababajwe cane n’imvugo y’abantu bamwe bamwe ! Mugira munzize gusa kubera ko nipfuza ko abarundi bosubiza hamwe Kandi nkashaka ko amahoro yogaruka vuba cane muri iki gihugu cacu. Narinzi ko abahora bavugira abarundi Mu kwibaza ko babitayeho none nasanze batanipfuza ko noza no kuvugiriza umuziki abanyagihugu ngo ni icaha gikomeye. Mbega kubera iki inkino za football zama zibera kuri stade prince louis Rwagasore zihuza u Burundi n’ibindi bihugu ko mutazirwanya ariko muciye murwanya uyu umuziki ! Waraye uhujije abarundi kumusi wagatandatu muvya tunganijwe Na ambassade ya kenya I Bujumbura !"

Jean Pierre NIMBONA, Kidum yabandanije agira ati : "Nta Giti ca politique nakimwe ndimwo ntanico nkeneye , ntanivyo nshoboye. Si ndi muri opposition Kandi sindi uwa leta . Nshaka gusa amahoro ko agaruka hose muri Kano Karere . Ntimunzize ubusa. Inzira yonyene Ni amahoro kuri twese Mu Burundi."

Inyuma y’ivyo biriko bivugwa ku muririmvyi NIMBONA Jean Pierre, igiporisi c’Uburundi cafashe ingingo y’ukwongereza umutekano wiwe.


IGIHE

Messages

  • Abifuza Akajagari Ntibifuza Kwumva Uwushaka Amahoro.

  • Basha namwe mundabire iyo foto,umenga ni Ndakugarika

  • Ego Nibamucungere Kuko Abadashaka Amahoro Bohava Bamugandagura Hanyuma Bakavyegeka Kuri Leta Mugabo Baracungera Nabandi Baririmvyi

  • Nibzmucungere bikwiye koko hari abarundi badaleneye amahoro ariko lmana lrikumwe nano Bose bashaka amahoro

  • AMAHORO DUFITA MENSHI GOSE AHUBWO TUGWIZ,IBIKORWA TUREKE KURYANA TURIBAMWE.TWONGERE MUKUND,UBURUNDI TWIHOZE ABATUBUZ,IBIKORWA.GWA RUKA NIMUKUND,IBIKORWA

  • Kidumu kibido nkunda cyane indirimbo ze zihuza abantu gusa azirinde ntazagwe mu mutego wabanyaporitike nkuko byahrndekeye ba kizito, bikindi, nabandi bahanzi baguye mu mutego wa politike mu Rda bakoreka imbaga.

  • Nareke Guhenda abarundi yibaza ko turi ibijuju ,mbega ko wumva amahoro ari yose izombonerakure zikuzengera inyuma ngo nabapolisi niziki,noneho reka kwirirwa uravuga menshi birerekana neza uruhande uherereyemwo,abarundi b’umutima ntiwibaze ngo turacasamazwa canke tuzoteshwa intumbero nutujambo tuvurwa nabigira intama kandi ar’amabingira

  • Kidumu iyo ava mu Burundi abonanye n’abandi bose muga atabonanye na Peter, yagize ikosa aho ejo ntazoja kuraba imva y’Adolphe Nshimirimana? acunge sana

  • ubu twibereye mumaganya nawe ngo ura turirimbira !! ririmbira abo ba polic nibo ba nezerewe barahaze agaturi nayo baguhemba ntibayabuze

  • Izo niza mijeri zomenyereye kuvuga ivyozitazi nokubesha murazobaza abazungu bemeye ivyobavuze ukuntu uyumusi bicuza. Nagombakubabwirako mijeris iyozibonye ubantu bagiye kubikorwa rusangi bacababitakobose arabanwanyi ba CNDD FDD oyobabonye umuntu ahawe canke ahaye umunyenga mumodoka numu CNDD FDD uwobaxabamwita umu CNDD FDD babonye uriko urikorera utwawe wivuye inyuma bacabakwita DD.
    Mwibuke ejobundi umuririmvyi rurangiranwa wumurundi yafatanije nabarundi isinzi mazebasunira kwiririmbira ururirimbo rwiwe nkekayaririmvye mugihe cumuhisi Bagaza akiri prezida wu Burundi baciyenamwita umu DD ubonako harinomubihe vyokwiyamiriza Kagame arike kuguma ashojorera abanababarundi yagize ingwati mugihugu ciwe ngonimpunzi bakaza kwisuka kurisongoye ngonaje kurwana ngomkuko DD na FML bigeze kuzabaratera mwimyaka yimbwreyuko habamasezerano yoguhagarika intambara.
    Kisumu Manirambona kubayaje kwibugiriza umuziki abarundi isinzi bakardyoherwa baciyebamunonamwo ubu DD bisigurako ibintuvyose bikozwemu Burundi bikitabirwa nabantubeshi bicabibonekera mijeris kovyakozwe naba DD.
    Mayowihenzeho ugacisha mukanwa ijambo ngo abarundi dukomere mugutsimbataza Amahoro mijeris mengo nokukurya zikubonye akaryo zokurya.
    Mpamagariye abarundi kwemera tukabaho tuziko izomujeri Ko tuzokomeza kubaho zimbejagirika ukwonyene kuko mwenabo iyobabaye arabomubohugu vyabarabu bimwemubihuhu bikomakomeye bicabibita abaterabwoba canke abihevyi/ivyihebe.

  • Nareke kubesha abantu.mbe ntazi imigabwe amaze kujamwo.2005 n’agatanu ntiyitoje kugiti caMRC i mwaro.yabishatse kuva kera.gusa nuku ubu yifatanije n’abasheshe amaraso.

  • burya,nabumvirijeee.umuntacungegwan’IMANA.ntabapfuye baribacungerewe kurushaho?

  • namba abo baporisi aribo yizy ntakundi mugabo ariko arihenda uyo numusivir nabanz arabe bangah bapfuy bari aba jnr non kuyo ari umurikir wunva atinyiriki?

  • EREGA ABA OPPOSES BO NTIBEREKWA UWUVUGA AMAHORO,NAHOWE WEWE KIDUM BIG UP TURAGUSHIGIKIYE.B’OPPOSE CANKE BAREKE TWEBE IKITURAJE ISHINGA NUKO ABARUNDI TWOGORORA.

  • Bazoguma Bavuga Natwe Dukora Bamenyeye Irindwi Nakabiri Icenda Nagatatu Uruhigi Gwarahindukiye Dushatse Twobigira Ariko Twe Twubahimana Turobasengera Bihane Bishe Kera Barimenyeye

  • Ico n’icitwazoc’abapoliticier,nibamureke

  • Oya Nukuri Kidumu Nibamureke Vraiment Yishakira Amahoro Kandi Natwe Niyo Dushaka.

  • Ntibakuzize Ubusa Abo Bansi Bamahoro Irambire.

  • nibamucungerere Uwoa Mutekano Kuko Hariho Ibigabo Birazwa Ishinga Naguhiga Abantu Mukubagirizak Ngo Boba Arabanywanyi Bareta Ariko Bigomvye Vyoturura Tukabana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.