Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown yinjiye mw’ibohero
Chris Brown yinjiye mw’ibohero
samedi 15 Ntwarante 2014
Chris Brown yarafashwe ku munsi w’ejo kuwa gatanu, atabwa mw’ibohero kuko yarenze ku mategeko ngenderwako yari yahawe inyuma yo kuvanwa mu kigo gifasha kugabanya ibiyayura mutwe vyamusinzikaje mu mutwe, bikamutuma yama mu bihano vy’ubutungane.

Umuririmvyi Chris Brown amaze igihe kitari gito atorohewe. Vyatanguye kuva mu mwaka w’2009, aho yatangura kuza arahohotera ubuzima bw’uwari umukunzi wiwe Rihanna, mu kumukubita, no kumuturubika bidasanzwe gushika naho ateba akiyomora. Ico gihe yaciye ategekwa kwinjira mu kigo kijamwo abantu ibiyayura mutwe vyasinzikaje (Maison de Disintoxication), kandi biboneka ko amakosa menshi yakora atumwa n’ivyo biyayura mutwe nyene. Nk’uwo muririmvyi iyo yabinyoye, arakara cane, ntawe yaba akigera umutwe, uwuvuze ivyo adashaka yaca akubita. Akarorero ni igihe yakubita umugabo bahuriye mu butambiro ngo n’uko yamuravye cane ivyo agira.
Muri ico kigo, yahamaze amezi 4, yahavuye ananirana bahava baramusohora ariko bamubwirako hagize irindi kosa agira ko ata rundi rubanza atari kumushira mw’ibohero ry’i Los Angeles. Ku mugoroba w’ejo kuwa gatanu, uwo muririmvyi yasubiriye kurwa mw’ikosa, arenga kuvyo bari bamubujije. N’aho abao bajejwe umutekano batamenyesheje ikosa yaguyemwo iryariryo, inzu ikorereramwo inyamiramabi y’i Los Angeles(bureau de Sherif de Los Angeles) yaramufashe, aca atabwa mw’ibohero.
Tubibutse ko igihe yakubagura Rihanna mu mwaka w’2009, Chris Brown yari yaciriwe iminsi 180 akora ibikorwa vy’akamaro rusangi (travaux d’intérêt général) hamwe n’imyaka 5 akwirikiranwa ivyo akora, ijisho ku rindi, kugira ahanwe mu gihe yosubira kwigenza uko ashatse.

Chérif Nkeshimana
Messages
15 Ntwarante 2014, 13:51, par Elyse kabeba
isi yaheze pe!nakizwe aje kumusaraba amaraso ya Yesu amwoze!