IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Ukwigenza nk’inyamaswa kwa Chris Brown kwatumye amenyekana nabi

Ukwigenza nk’inyamaswa kwa Chris Brown kwatumye amenyekana nabi

vendredi 22 Munyonyo 2013

Inyuma y’umunsi umwe umuririvmyi Chris Brown ategetswe n’umucamanza gusuzumwa kugira barabe nimba atanywa ibiyovyabwenge bikamutera kugira ishavu ryinshi, aho akubita abantu, uwo muririmvyi yasavye ko yokwemerererwa akaza arinywera ikiyovyabwenge ca marijuana kugira kimufashe kugabanya ishavu n’amanyama.

Nk’uko amakuru dukesha Radaronline abivuga, uyo musore w’imyaka 24 ntagishaka kubandanya afata imiti imufasha gutekereza, ishavu n’amanyama bigabanuke, nk’uko yari yategetswe kuyifata. Ahubwo we yumva yohabwa ikiyovyabwenge ca marijuana nk’umuti w’ugukara. Mukamenya ko marijuana isanzwe yemewe kunyobwa mu gisagara ca California.

Nk’uko Radaronline kibandanya kibivuga, imiti Chris Brown yategetswe gufata yomufasha gutekereza, ituma atumva neza kandi aguma yumva inyota irenze. Kuva kera Chris yamye anywa marijuana kugeza iki igihe umucamanza yabimubujije. Ibintu bimaze iminsi bimubako vyamutwaye ikibanza yahorana na rirya ari mu baririmvyi bo kw’isi bamenyekanye cane.

Ukwigenza nk’inyamaswa kwa Chris Brown kumaze kumutariza vyinshi kandi yarageze ku ntambwe ikomeye mu myaka mike afise. Bitumye rero urukwirikirane “X-files”,( iryo zina ntiriramenyekana neza) ririmwo indirimbo zitanu nka”War for U”, rutazosoha vuba.


Cherif NKeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.