Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown yasohotse ibohero ku mpamvu zitaramenyekana
Chris Brown yasohotse ibohero ku mpamvu zitaramenyekana
lundi 2 Ruheshi 2014
Ubutungane bw’i Washington bwarekuye umuririmvyi Chris Brown yari amaze iminsi 108 ari mu munyororo. Yapfunzwe yagirizwa kuba yakubise uwucunga inzu y’ingenzi, vyiyongereye ku caha co gukubagura Rihanna yahora ari umukunzi wiwe.

Chris Brown yarekuwe inyuma y’iminsi 108 yari amaze mu munyororo aho yagirizwa gusinzikaza ubuzima bw’uwurarira inzu y’ingenzi y’i Washington. Naho yarekuwe, Chris Brown arafise urundi rubanza aho yagirizwa gusinzikaza ubuzima bwa Rihanna mu mwaka w’2009 igihe bakundana, azokwitaba muri kuno kwezi kwa Ruheshi, akaba ashobora gusubizwa mu munyororo.
Mwomenya ko ko kw’igenekerezo rya 09 Rusama Chris Brown yaciriwe igihano co gupfungwa iminsi 131, ubu arekuwe amaze iminsi 108. Icatumye Chris Brown arekurwa ntikiramenyekana.
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Myandagaro 2016, 20:50, par Nimbarumunyamakosanibamufunge. Nanjendamuhayekwihangana imanimuhayekurambazovayo
Ndayishimiye clement