Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > inkuru > Emy Emery aravuga uko umukobwa akunda yoba ameze
Emy Emery aravuga uko umukobwa akunda yoba ameze
mercredi 17 Nyakanga 2014
Emy Emery aremera ko abaririmvyi, abakinyi b’amareresi, abanonotsi eka bamwe bita "Stars" muri rusangi bahurumbirwa cane n’abakobwa. Naho biri uko, Emery abona ko urongoye canke ukarongorwa nabi ari ukuzimu kw’isi. Ati :"Uwuhusha itunga ahusha umugore".

Emery ati :"Abo bita "Stars" bakundwa cane n’abakobwa, ikibazo gisigara kuri bo, nibo bategerezwa kumenya ingene bitwara imbere y’ikigeragezo nk’ico". Emery yishimikije amajambo yanditse mu gitabo ceranda avuga ati :" Umugore w’ikijuju asambura urugo rwiwe n’amaboko yiwe". Emery abona ko umugore mwiza umuntu amuhabwa n’Imana, naho benshi bakwirikira ubwiza babona mu maso. Umugore akunda Imana akayubaha niwe mugore, kuko handitswe ko "intango y’ubwenge ni kumenya Imana". Naho biri uko, Emery arazi ko umugabo ategerezwa kurondera uwo bubakana.
Emery arabona ko hageze ko yubaka urwiwe, ku kibazo c’uko afise uwo bagiye kwubakana, yishura adatomora neza ati : "Ndindiriye gushikirwa n’ivyashikiye Adamu aho yasanga iruhande yiwe hari umugore, akabwirwa ko ari umufasha Imana imurungikiye". Ivyo biri uko mu gihe asubira kandi akavuga ko ubugeni atari kure cane naho adashima kuvuga ukwezi canke umwaka. Ati :"Mu gitabo c’umusiguzi bavuga ko aho gusezerana ntushitse wopfuma ubireka". Ivyo yabituganiriye turiko tumubaza ko mu migambi yiwe hoba harimwo kwubaka

Raba aha munsi isanamu nshasha y’ururirimbo "I love you Jesus" aherutse gusohora
Cherif Nkeshimana
Messages
19 Nyakanga 2014, 09:20, par Ndabarushimana Manasse
nukuri nkuko yabivuze umugore mwiza atangwa n’lmana.Kandi ’ngo Uwuhushya Itunga Ahushya Umugore’
27 Ndamukiza 2016, 22:47, par cedro key akana kimana ou akana kimana cedrick
eka vrmt ntiyabesh uyomukunz wacu emery avant yuko uronderumugore nukubanzukiyegereza yesu!