Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > inkuru > Emy Emery mu gisagara ca Bujumbura
Emy Emery mu gisagara ca Bujumbura
samedi 19 Gitugutu 2013
Inyuma y’aho abarundi babiri Emery Ndabaneze na Cynthia Kezamahoro baserukiye Uburundi mw’ikinwa ry’ireresi Wekeza Inalipa, ibikorwa vy’ukuyishira ku mugaragaro birashimwa n’abayikinyemwo nk’uko bimenyeshwa na Ndabaneze batazira Emy Emery agishika i Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE amaze gushika, Emy Emery yavuze ko bamwe mu bo bahuriyeyo baje baserukira ibihugu bitandukanye bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, baciye bafata akanya bararirimba indirimbo ihayagiza akarere ibihugu vyabo biherereyemwo, indirimbo yashimwe rwose n’ubushikiranganji bw’imico kama y’igihugu ca Tanzaniya, na rirya umushikiranganji yari yateye iteka ubwiwe ibirori vyo kuyishira ku mugaragaro.
Muri iyi mpera y’’iyinga rero, Emy Emery akaba yaje ashashawe n’abagenzi biwe, baba abo baririmbana indirimbo zihimbaza Imana, abakinyi b’amareresi n’abandi, kugira abahe ayayazwe mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Twobamenyesha ko Emy arikumwe n’abagenzi we, bagendeye ahashinguye Steven Kanumba, umukinyi rurangiranwa w’amareresi muri Afrika.




Chérif Nkeshimana
Messages
19 Gitugutu 2013, 12:17, par fwfwe
uwo muntu ni mwiza.
23 Gitugutu 2013, 03:01, par Coldman’Zi
Imico yerekana ikaranga igihugu. Mugabo ndavye inyambaro n’imvyino z’urwaruka rw’ubu, umenga batamba birorera kuko intumbero yabpo ataho bisa bisana n’imico y’igihugu cacu. Mushatse muraraba no mu Rwanda, hari ibintu urwaruka rwiharaje z’intambo n’inyambaro. Sinibaza ko bishobora kwemezwa hama bije mu mico y’abantu mu gihe bifise intumbero gikoroni/kavantara. Ces genres d’imposition buyoyiste a la busokozo, nibaza ko bija vyarambiye abantu.