IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > inkuru > Emy Smith yashize ku mugaragaro ireresi yiwe ya mbere

Emy Smith yashize ku mugaragaro ireresi yiwe ya mbere

mardi 1er Mukakaro 2014

Umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi Emy Smith aherutse gushira ku mugaragaro ireresi yiwe ya mbere. Ntiyamworoheye ariko Abarundi bayamaze ko "Intango yama igoye", yamutwaye uburyo n’umwanya ariko gikuru n’uko indoto yiwe yabaye ukuri.

"Return to Salvation" ni ireresi ya mbere yateguwe n’umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi Emery Ndaboroheye azwi kw’izina rya Emy Smith. Ireresi yatwaye umwanya utari muto, yatanguye gutegurwa kuva mu mwaka w’2009, ikaba yashizwe ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2014 mu kigo c’ishengero El Shaddai. Emy yayagiye ikinyamakuru IGIHE ko iyo reresi yatwaye amahera y’amarundi agera ku miriyoni 30, ibijanye n’uburyo yabifashijwemwo na Ngabo Leonce ari mu batanguje amareresi mu Burundi.

Emy Smith atubwira ko ubutumwa bwo mw’ireresi "Return to Salvation" bisigura "Garuka ku Gakiza" yashatse kwereka ubuzima yari abayemwo igihe atari bwakire agakiza yaronse mu mwaka w’2004. Ico gihe yarabaye mu buzima bubi aho ataco yagera umutwe, niko rero kwakira agakiza aca agira ico ciyumviro co kwandika iyo reresi "Garuka ku Gakiza". Ireresi "Return To Salvation" iriko iradandazwa amahera y’amarundi 10.000.

Emy arashimira bivuye k’umutima barongozi b’ishengeo El Shaddai Olivier na Isabelle Berain eka n’abandi batari bake bagize ico batereye kugira ico gikorwa gikunde, nk’umwanditsi n’umukinyi w’amareresi Ngabo Leonce.

Mwomenya ko uwo mukinyi w’amareresi amaze gukina mw’ireresi yakinywe ku bw’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Yaheruka mu nyigisho z’amareresi zatanzwe n’umuhinga avuka mu gihugu ca Nigeriya, akaba yigisha amareresi i Hollywood, hari mu ndwi yahariwe isabukuru y’amareresi mu Burundi FESTICAB.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.