Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > "Fata umwanya" urukurikirane rushasha rwa Adjoba Love
"Fata umwanya" urukurikirane rushasha rwa Adjoba Love
mardi 25 Ruheshi 2013
Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umuziki kw’isi yose, abaririmvyi b’abarundi barifadikanije na bagenzi babo bo kw’isi yose. Ivyo birori vyabereye aho bita kuri Jardin Publique, aho abaririmvyi atari bake bari bitavye uwo munsi mukuru.
Muri bo twobamenyesha nk’ umuririmvyi Adjoba Love yashoboye kuryohera abantu bari aho. Iruhande yo kuririmba neza, yari kumwe imbere n’abana biwe babiri, umuhungu n’umukobwa bariko baramufasha kuririmba kandi vyaboneka ko basa nabamenyereye kuba imbere y’amaso menshi kuko baboneka ko ata n’umwe atinya.

Twagerageje kubaza umuririmvyi Adjoba Love uko yiyumva kuri uyo munsi, akaba yatumenyesheje ko aryohewe cane, kubona bahuriye hamwe n’abandi baririmvyi b’abarundi bakanezerwana kandi bakabiheza mu mutekano ntangere.

Kubijanye n’aho umuziki wiwe ugeze, yatubwiye ko afise Album nshansha ari mugusohora. Iyi nayo yayise « Fata umwanya » ikaba igizwe n’indirimbo cumu na zitatu. Ikindi yatumenyesheje ko akiri mu Burundi gushika mu kwezi kwa Nyakanga aho mu ntango za Gitugutu azoca asubira muri Leta zunzubumwe za Amerika.

Prosper Ndayikeza