Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fortran Bigirimana ntaza kuboneka mu giteramo ca "Isanganiro Awards (...)
Fortran Bigirimana ntaza kuboneka mu giteramo ca "Isanganiro Awards 2013"
vendredi 12 Mukakaro 2013
Ku mugoroba wo kuri uno munsi kuwa gatanu niho hategekanijwe igiteramo co kumenyesha uwatahukanye agashimwe k’ihiganwa rya Isanganiro Awards 2013. Ico giteramo kikaba citabwa n’abaririmvyi bose bafise indirimbo muri iryo higanwa uko ziba ari icumi.
Fortran Bigirimana aririmba indirimbo z’Imana nawe akaba afise ururirimbo rwitwa "Ntaco nzoba" muri izo cumi.
Fortran amenyesha ko nawe yashaka ko yoba ari muri ico giteramo ariko amakuru yahaye ikimenyeshamakuru IGIHE avuga ko ataza kuboneka muri ico giteramo.
Tumubajije imvo zamutumye ataza kuba ari muri ico giteramo yavuze ko uyu munsi vyahuriranye afise ibindi bimufatira hama afata intumbero w’ico yojamwo.
Nk’uko yabandanije abisigura, mu gihe uyu munsi ariho ku kibuga ca EFI mu Nyakabiga haza gutangura igikorane c’ikanguro gihuza abantu bavuye ku mpande zose z’isi harimwo abaririmvyi nka Theogene Uwiringiyimana "Bosebabireba"wo mu gihugu c’Urwanda, Rose Muhando n’abandi, Fortran rero nawe niyo azoba ari kuko ari mu baririmvyi baza kuremesha ico gikorane.
Ivyo rero nivyo vyatumye ataza kwitaba mu giteramo ca Isanganiro Awards, aho yagize ati: "Singaya kuba ururirimbo rwanje ruri muri iryo higanwa, ariko ku bantu banzi ko ndirimbira Imana, kuba nosiba igikorane c’ivuga butumwa, hama nkakiguza Isanganiro Awards, noba ngize amakosa kuko ntivyoba vyumvikana. Namba abantu baratoye indirimbo yanje ndaza kumenya ikibanza naronse ariko kandi ndisiguye sinza kuboneka muri ico giteramo ca isanganiro Awards."
Yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha abakunzi biwe ko ubu yamaze gushira ahabona indirimbo yiwe yitwa "Ko ngufise ni amahoro” mu rurimi rw’ígifaransa nk’uko yabimenyesheje mu misi iheze ko agomba gushira indirimbo ziwe mu zindi ndimi.

Joel Sengurebe