IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > I Franckfurt barindiranye igishika umunsi w’igiteramo ca Kidumu

I Franckfurt barindiranye igishika umunsi w’igiteramo ca Kidumu

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’isegenya yahitanye ibintu n’abantu mu karere kari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, umuririmvyi Kidumu yaraje gufasha kurondera amahera yo kugarukira ku basigaye, biciye mu giteramo yitavye mu kigo ca Musee Vivant. Inyuma yaho yaciye afata urugendo, ubu yibereye mu Budagi.

Igihe harwa imvura igahitana ibintu n’abantu, n’inzu y’umuririmvyi mpuzamakungu rurangiranwa Jean Pierre Nimbona azwi kw’izina rya Kidum ngo yoba yarasidutse. Ivyo rero ntivyamubujije gufata urugendo rutari ruto, rwamugeza mu gihugu c’Ubudagi, igihugu agiyemwo ku ncuro ya mbere. Ku murongo wiwe wa Facebook yanditse ko yashitse neza na neza i Frankfurt, yanditse kandi ko yakiranwe igishika cinshi cane.

JPEG - 87.1 ko
bamwakiriye ariko araryoherwa

Ntihagire uwibaza icoba kimujanye muri ico gihugu, kuko murakizi. Nta kindi kimujanye atari igiteramo kimaze iminsi kivugwa muri ico gihugu, abantu bose baramerereje kubona ico gihangange c’Umurundi yiharije umuziki akawugira uwiwe. Abo bose basomye kuri za mpampuro ntangazamakuru Affiche, baharurira iminsi ku ntoke kuko hasigaye umunsi umwe iryavuzwe ritahe.

Igihe c’isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo mu Budagi, kw’ibarabara rya 49d inomero 60326 mu gisagara ca Frankfurt, mu nzu y’ibiteramo yitwa Rebstocker Gunes Theater, Kidum azobica bicike, hazoba ari ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 01 Ntwarante 2014.

bamwakiriye ariko araryoherwa
Iki gicapo cibutsa abantu ko ibibazanza biharuye,kubera ababikisha ibibanza ari isinzi
Igicapo cerekana agace gatoyi k'inzu izoberamwo igiteramo

Chérif Nkeshimana

Messages

  • Nuko nagende abice bicike maz’azoz’azany’udufashanyo two gufasha benewacu.bahuye nikibazo ubona ko nawe ko camugarukiyeho.urugendo rwiza mugabo urabe ntuzobe nkuwaje hano afirika yepfo maze abansi bakamwirenza.

  • ko utashizeko ko azoca abandanya igiteramo mububiringi mumuji wa anvers italiki 15/03/2014 igihe cisaha 20h

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.