IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Igitabo gishasha casohotse gikebura abaririmvyi ba none bica ururimi (...)

Igitabo gishasha casohotse gikebura abaririmvyi ba none bica ururimi n’akaranga

vendredi 25 Mukakaro 2014

Inararibonye mu muziki w’Uburundi Musenyeri Justin Baransananikiye yashize ku mugaragaro igitabo yanditse kuri kahise k’umuziki w’Uburundi. Igitabo canditswe mu ntumbero yo kwerekana uko umuziki w’Uburundi wari umeze mu gihe ciwe, naho ubu abaririmvyi b’Abarundi bavuye ku muziki wabo kavukire batandukira umuziki mvamakungu, ari nawo uriko urica ururimi n’akaranga k’Uburundi.

Igitabo Musenyeri Justin Baransananikiye yise "De l’Inanga à la Guitare Classique" kigabuyemwo ibigabane 8, canditswe kuri kahise k’umuziki kuva mu mwaka w’1960 gushika mu mwaka w’1985. Ico gitabo ahanini kivuga ico imfura za kamere k’umuziki w’Uburundi hamwe n’imirwi "Orchestres" yagiye ashirwaho n’abaririmvyi bico gihe zari zimaze. Bamwe mu baririmvyi bavugwa ni nka Canco Hamissi, Nikiza David, Patiri Barengayabo ari nawe yaririmvye ururirimbo ruhayagiza Uburundi" Burundi Bwacu", Jean Christopher Matata, Kirundo, Baby John, Shungura Pancras, Augustin Ndirabika, Afrika Nova, na wenyene ubwiwe, eka n’abandi benshi. Abo bose baririmba bisunga ibiriho, nko kuninahaza intwaro ya cami, inyuma yaho hamaze kuza ama republika abaririmvyi nka bose bisunga abatwara ico gihe.

Musenyeri Justin Baransananikiye avuga ko akamaro k’ico gitabo ari kwereka abaririmvyi ba none ko no mu gihe cabo bakura ivyiyumviro mu mvyino z’akaranga za kera cane nk’ibicuba, ibihozo, imvyino z’ibishegu vya kiranga n’ibindi. Iyo narariribonye ivuga ko abaririmvyi ba none ataho bafise bakura ivyiyumviro ari naco gituma abahamagarira kwiga ico arico umuziki. Justin aranegura abaririmvyi ba none kuko batesha agaciro uririmi rw’Ikirundi n’akaranga, ikindi n’uko bashaka guhindura amajwi bishimikije ivyuma, ata mategeko mpuzamakungu agenga umuziki akwirikijwe.

Iyo nararibonye isaba abaririmvyi b’Abarundi gusubiza agatima mpembero ku muziki no ku ruririmi rw’Ikirundi, abaririmvyi basubire batore umuziki kama w’Uburundi bashobora guserukana mu makungu. Kugira agarukane akaranga k’umuziki ndundi, Justin Baransananikiye yaciye atanguza ishuri ryigisha umuziki "Institut de Musicologie de Gitega". Urwaruka rutari ruke rukaba ruriko rukurikirana inyigisho z’umuziki aho i Gitega.

Igitabo "De l’Inanga à la Guitare Classique" kigurwa amafaranga 50.000 y’amarundi aheza agafasha mu bikorwa vy’ukwigisha kuri iryo shuri ry’umuziki.

JPEG - 555.2 ko
bamwe mu baririmvyi ba kera bari bitavye ibirori

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mpereye ku Baririmvyi bagenzanje nka FELICIEN MINANI na SIMBAVIMBERE BRUNO n’abandi, mbanje gushimira icese abitavye ibirori vy ishikirizwa ku mugaragaro ry iki gitago DE L INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE vyabaye kuri uyu wa kane itariki 24 Mukakaro 2014 harya muri Cercle de l Alliance Franco Burundaise i Gitega.
    Ndashimiye kandi cane abarongoye ALLIANCE FRANCO BURUNDAISE i Gitega, ku kuntu bagaragaje ko bashigikiye ibikorwa nk ibi vyo guteza imbere imico n akaranga k Igihugu cacu. Nagira mbonereho gukebura Abarundi benshi bataratahura ko igikorwa nk iki co kwandika Igitabo ari ikintu gihambaye cane mu buzima bw Igihugu. Iki gitabo kizosomwa n abana bacu, n abuzukuru n abuzukuruza tuzosiga baheze bamenye inkuru z imvaho z akahise k umuziki w Uburundi atari ukuzohendwa n ivyo abanyamahanga bazokwandika babesha kandi batigeze kubibona. Abarundi twaganiriye, bamwe banshimiye cane, abandi na bo bambwira ngo KIRAZIMVYE. Abandi bambajije ngo MBEGA WAKUYE HEHE SPONSOR ni ukuvuga WAKUYE HEHE ABAGUFATA MU MUGONGO, kugira ushobore gusohora igitabo nk iki? Vy ukuri, Nta muntu n umwe yakoze mu mufuko wiwe ngo anterere kandi nari narabanje gutanga ibiganiro vyinshi cane ku maradiyo no mu binyamakuru bitandukanye, ATARI IMPRIMERIE YACANDITSE YONYENE YANYEMEREYE KO NZOYIRIHA MU NYUMA. Mboneyeho no kubashimira caaane na bo. Rero, NI HABA HARI UMURUNDI MWENE WACU ABONA KO MUSENYERI JUSTIN BARANSANANIKIYE YAKOZE IKINTU C AKAMARO MU BUZIMA BW IGIHUGU, akaba yifuza kunterera ngo ndihe Imprimerie yamfashije kuvyandika, araca anyandikira kuri Email yanje [email protected] ndamubwire uburyo yokwivuganira na bo AHEZE ATANGE IYO NTERERANO IBASHIKIRE ITABANJE KUNCAKO.
    Kubera ko ico gitabo kiriko kirashimwa n Abarundi benshi, ndaterereje ababishoboye bose, BAMFASHE KUKIGWIZA CANE kugira benshi bazokironke bidatevye. Narababwiye ko nacanditse ubwa mbere mu ntumbero yo kurondera amafranga yo gufasha iri Shure rya mbere ry Ubuhinga bw Umuziki mu Burundi nashinze aha i Gitega INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Na Leta niyaba ibona ko nakoze ikintu c akamaro kandi ishima kizofasha Urwaruka rw Uburundi, na yo nyene ndayiterereje.
    Ku ruhande rw abaririmvyi b Abarundi na bo, nongeye kubahamagarira mwese ngo munkundire muje mw Ishure ry ubuhinga bw Umuziki. Ni muze mwemere ndabigishe, ndabakebanure, ndabereke ukuntu twokora neza Umuziki w Igihugu cacu, tukawuha akanovera kawubereye kandi UGASHIMWA NO MU MAKUNGU. Imvukira zo mu ma provensi kanaka na zo zoba zifuza ko dushinga ishami ry iri Shure ry Umuziki i wabo, nibatwandikire tuvugane uko vyokorwa. Kubwanje nditeguye guha Urwaruka rw Uburundi ubumenyi bwose nize mu Muziki. Umugisha w Imana ubane namwe. Mwontelefona kuri 79 877 097 canke 77 758 123 canke munyandikire kuri Email [email protected]

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.