IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Igiteramo co muri Havana Night Club casibijwe

Igiteramo co muri Havana Night Club casibijwe

jeudi 19 Ruheshi 2014

Umuririmvyi Kidum yari yatangaje ko agiye kugira igiteramo i Bujumbura ku munsi mpuzamakungu wahariwe umuziki. Yatangaje ko igiteramo casivye ku mvo zitamuvuyeko.

Uru rwari urupapuro rutangaza igiteramo casivye

Igiteramo cobaye kuri uwo wa gatandatu w’igenekerezo rya 21 Ruheshi mu nzu y’ubutambiro Havana Night Club. Ico giteramo cari gifise intumbero 2, imwe yari iyo kwifadikanya n’Abarundi guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki, iyo ntumbero yari iyo kuvuga uko isabukuru Buja Summer Fest izogenda ku ncuro yayo ya kabiri.

Kidum yanditse asaba imbabazi uku gukwirikira : "Ndabaramukije! Jewe nabo dukorana ngaha i Nairobi nabari hanze hakurya yamazi turabamenyesheje yuko concert yari itegekanijwe kubera i Bujumbura itariki 21 zuku kwezi kwagatandatu itakibaye. Tuzobamenyesha umusi izoberako. Murakoze

Hari amakuru avuga ko Kidum afise ibiteramo vyinshi muri ino minsi, kuko uwo muririmvyi aronderwa henshi. Muri ivyo biteramo, Kidum yatangaje igiteramo kizobera mu Bwongereza kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro. Muri Myandagaro, azoba ari muri Canada. Kw’igenekerezo rya 02 Myandagaro azoba ari Toronto, kurya 9 naho akazoba ari Montreal aho hose azoba ari kumwe n’ibihangange vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko nka Knowless, Diamond, Dr Claude na Juliana.

Uko ibiteramo vyiwe bikurikirana


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.