IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Ku myaka 40 Kidumu yatanze amazina y’abantu ashimira, yihaye n’akazina (...)

Ku myaka 40 Kidumu yatanze amazina y’abantu ashimira, yihaye n’akazina k’ubuhizi

jeudi 30 Gitugutu 2014

Ihimbazwa ry’isabukuru ry’imyaka mirongo ine umuririmvyi Kidum amaze avutse, amazina amwe amwe y’abamufashe m mugongo yarashizwe ahabona n’uwo muririmvyi. Yaciye ashirako akandi kazina k’ubuhizi.

Hari kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu aho Nimbona Jean Pierre batazira Kidum yahimbaza imyaka 40 y’amavuko. Muri iyo myaka 40, Kidum avuga ko yatanguye kuririmba afise imyaka 10 gusa. Ku bw’ivyo, arashimira abantu bamufashe mu mugongo kuva ico gihe gushika ubu, bamwe barapfuye abandi baracariho.

Kidum ashimira aba bakurikira: mama wiwe Ingabire Radjabu batazira Nasubiri, Bucumi Francois batazira Bucucu, Lwesso Guillaume , Christophe Matata, Kinyunda Saidi, Aron Nitunga, Jean Paul Samputu ,umuhinyanyuzi wiwe Robert Kamanzi, uwumufata mu mugongo Chantal Hitayezu, Mihigo Francois batazira dechouna. mushiki we Eliane kamikazi, Cynthia Iteka, uwumufata mu mugongo wo mu karere k’ibiyaga binini Ahmed Pacifique, Aimable Twahirwa, Joseph Habineza, Victor Bidjoka bi kon, Mussa Masumbuko, Mutima constatin, Iinnocent Ndikumana, mushiki we Chantal Uwera, Albert Bryon, Buddy Magloire, Innocent Valentin singirankabo, Kiyoyo Juma, umuvukanyi wiwe Claude Ndikumana na Majambere Gentil, Aline Nduwayezu eka nawe nyene ntiyiyibagiye mu kwishimira, akavuga ko atibagira uwumuhoza ku mutima Mugure.

Muri iryo himbazwa ry’imyaka 40, Kidum ategekanya kugira ibiteramo bitatu, bibiri mu Burundi ku magenekerezo ya 22 na 23 Munyonyo, hamwe n’ikindi c’igenekerezo rya 23 uko kwezi nyene mu Rwanda. Kidum yaciye ashikiriza akaririmbo kiwe Kazi ni Kazi Pascal Lokuakanza yamufashe mu mugongo.

Ikindi n’uko Kidum yaciye ashirako akandi gatazirano ku mazina yiwe, kuva kuri iryo genekerezo Kidum yitwa MM bisigura Mzee Mwalimu.

Umviriza ururirimbo Kazi ni Kazi yatuye Pascal lokuakanza


Cherif Nkeshimana

Messages

  • kuramwo ayo y’abanyarwanda twarabamenye uburyarya bwanyu sha ntimuzasubira kutwihishamwo. Ubuse niho yibutse gushyiramwo abanyarwanda??? Ubu natwe tuzajya tubitura inabi mwatugiriye. Sokuru yajyaga acumugani ngo ’’INYITURANO Y’UMUHUTU NI UMUSUZI’’ none koko ndabona yaravugaga ukuri

  • Urukurikirane gwabaririnvyi ibintu bandika kumpome zabo za facebook bikundwa cane (Likes) bikavugwako vyinshi (commentaire nyinshi )
    1.Mugani desire Farias Fizzo(±)300 bakunda ivyo yandika
    2.Alida baranyizigiye(±)250
    3.Kidumu Jeaan Pierre Nimbona (±)240
    4.Niyomwungere Leonard (±)220
    5.Satura Sat B (±)150
    Abaririnvyi babarundi bari bakwiye kuja baravugisha aba Fans kuri Facebook kuko bifise akamaro bigatera intege umnuririnvyi canke aba Fans .Kand bica vyerekana abaririnvyi bibihangange dufise .Lolilo na Steven Sogo ibihangange mumuziki wuburundi bihanure kuri Facebook zabo

  • Kidum yanyemeje umusi wambere numva Yaramenje, naratorotse kwi position aho nari muri SMO i Gitega kugira nze mu giteramo ciwe cambere yakoreye i Burundi 2001, niho namubonye ubwambere live. Ico nibuka narakoroye amosozi par emotion,....Narahavuye ndaronka akaryo ko kubonana nawe, mbere turanaririmbana ndamugirira backing,...ndamukoresha interview,...naramubwiye ko ndamwemera nkuko benshi babimubwira (normal). Unomusi Kidum turazinanyi ariko ndazi ko atazi uko ndamwemera kuko nanje ntigeze ndabimubwira uko vyukuri ndavyumva (abarundi turigumizamwo ivyo twumva). Nariko ndugurura indirimbo Kazi ni kazi, notes zambere zonyene zanshitse kumushaha, neza na neza vyanse ko cette fois ci nyegeza ico numva. Nicaye mu bureau ariko amosozi yasohotse kuriyo ndirimbo. Desormais je peut non seulement confirmer a haute voix le surnom de MM(Mzee Mwalimu), mais aussi ajouter Phenomenal. Coup de chapeau Kid. Ta chanson me donne la chair de poule et je sens les larmes aux yeux mm maintenat, tu es vraiment phenomenal.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.