Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Mu giteramo ca mbere c’ihimbazwa ry’imyaka 40, Kidum agabisha abanya Afrika (...)
Mu giteramo ca mbere c’ihimbazwa ry’imyaka 40, Kidum agabisha abanya Afrika y’Epfo
lundi 3 Munyonyo 2014
Imbere y’iminsi mikeyi Kidum yugurure muri Afrika y’epfo urukurikirane rw’ibiteramo yitiriye ihimbazwa ry’imyaka 40 y’amavuko, imyiteguro iramurembeje aho muri ico gihugu. Aragaruka ku nyifato abaririmvyi ’Abarundi bohindura kugira bagire aho bashitse.
- Kiyoyo yagiye gutegera Kidumu ku kibuga c’indege c’i Johannesburg
Kidum yashitse mu gihugu ca Afrika y’epfo kw’igenekerezo rya 01 Munyonyo. Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Kidum avuga ko yagiye kare kugira yitegure bihagije. Abandanya avuga ko ari ibiteramo bidasanzwe kuko yitezwe n’abantu benshi kuko basanzwe bamumenyereye aho muri ico gihugu. Kidum abandanya avuga ko aho muri Afrika y’Epfo bakunda cane ibiteramo vy’abaririmvyi bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Abisigura uku :" Ntibikenewe cane ko umuririmvyi w’umurundi amenyekana cane mu mahanga ariko yandike izina ryiwe mu karere ahereyemwo". Uwo muririmvyi akunzwe cane mu karere ndetse no mu makungu akebura abaririmvyi b’Abarundi gushira imiziki yabo ku rugero rwa Afrika y’Ubuseruko. Atanga akarorero k’abaririmvyi bubatse amazina yabo nka Diamond, Chameleone, na Davido muri Nigeriya n’abandi batari bake. Kidum aremeza ko ibiteramo vyo muri Afrika y’Epfo yavyiteguriye bikwiye. Ati :"Mfise amasaha abiri mu giteramo cose".
Kubwa Kiyoyo Juma asanzwe ariwe ariko ategura ibiteramo 3 bizobera mu bisagara vya Cape Town, Durban, na Pretoria, avuga ko Kidum atazotamba yirorera. Ati : " kubera igishika bamufitiye aha muri Afrika y’epfo, imirwi itari mike y’abaririmvyi yateguye kuzomwakira."

Umviriza aha munsi ururirimbo "Birakaze" kidum yakoranye na Alpha
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Munyonyo 2014, 13:42, par rudahigwa
aba bigize abaririmbyi nibo basigaye bari ibikoresho bya dd turabazi sha IBUYE RYAGARAGAYE NTIRIBA RIKISHE ISUKA
3 Munyonyo 2014, 19:52, par jean
Sha Rudahigwa maramarira hiyo. Iyo bikuburiye reka abafise ico bakora n’umwete wo kugikora bikorere. Nimba wewe n’abiyumvura nkawe mwihaye igikorwa co gucafuza igihugu canyu, reka abagikunda bagiserukire, bakimenyekanishe mu makungu. Nakare ngo "imburakimazi ibagara umushatsi."
4 Munyonyo 2014, 01:46, par Said Hamad
@Jean.Urikuta umwanya wawe uwishura uwo munyarwanda yiyita Rudahigwa!!Numureke abe arabwejagura twe twikorere akazi.Erega aba bantu ba Kagame inzigo yarabishe nico gituma ubona badatora nakabiri.Hahah wogira ngo ntibarava muri Uganda mumakambi.Uyoberwa umu paysan..nuwutari we.Nakamuna haki ya mungu