IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum aravuga ivyamworoheye n’ivyamugoye mu myaka 30 amaze aririmba

Kidum aravuga ivyamworoheye n’ivyamugoye mu myaka 30 amaze aririmba

vendredi 21 Munyonyo 2014

Imbere y’uko atanguza ibiteramo vyiwe biri muru kurikirane rwo guhimbaza imyaka 40 y’amavuka, Kidum yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Intumbero kwari kubashimira ku ruhara bagize mw’iterambere ryiwe no kuvuga ubuzima bwiwe nk’umurimvyi.

JPEG - 369.4 ko
Foto Afrifame: Kidum na Aimable Nduwayezu nyene LIANY

Mu kibanza cahitwa Liany kiri ku Muzinda mu ntara ya Bubanza, Kidum yahuye n’abamenyeshamaukuru. Kidum yatanguye avuga ko imyaka 40 amaze hageze ko avuga ukuri. Ivyo vyose vyabaye bitavugwa kandi bifise ingaruka mbi bigiye gushirwa ahabona naho hari abo bitazoryohera. Muri ivyo Kidum aratunga agatoki uruhande rw’abamenyeshamakuru bavuza cane indirimbo z’abanyamahanga. "Abarundi bambaye ikirezi ariko batazi ko cera" kuko mu karere ka Afrika k’Ubuseruko, Uburundi buzwi nk’igihugu ca mbere gifise umuziki umeze neza, abarundi bazwi nk’abaririmvyi bitumwako muri "Live". Aho Kidum arakebura abibaza ko abaririmvyi bo hanze bafise ico basumvya Abarundi. Ati :"Haba namba n’ukutiyemera kw’Abarundi".

Kidum aragaruka ku ruhande rw’abaririmvyi

Benshi mu baririmvyi b’Abarundi baradebukiwe no gukora umuziki bakoresheje amajwi yabo bwite, basigaye baja mu nzu z’ubuhinyanyuzi "Studio", aho amajwi bayahabwa n’ivyuma, bakoresha ico bita "Auto Tune". Ivyo bituma umuntu yiyita umuririmvyi kandi atajwi ryiwe azi kubera ivyuma. Uwo si umuririmvyi!

Kidum ntahengesha kuremesha abaririmvyi ababwira ko imyaka 30 amaze aririmba ko yashitse aho ageze bitoroshe. Yemeza ko yatanguye adandaza amagi, yongera yimba imisarani. Mu nyuma niho yabona ko urudandazwa atari impano yiwe. Kenshi ni ako yafashwe nabi haba imbere y’abavyeyi biwe bamubuza ibijanye no kuririmba, eka n’abandi bantu bamuca intege mu kumwereka ko inzira ajanye atariyo. N’ndirimbo ziwe zaburabuzwa n’ubutegetsi, avuga ururirimbo "UWO YARAMENJE", ariko ntivyamuciye intege.

Jean Pierre Nimbona amaze kubona Abarundi bakunda cane indirimbo z’abandi ziri mu Giswahili nka Mr NICE, yahisemwo nawe kuririmba muri urwo ruririmi ari naho yabonye indirimbo ziwe zikundwa cane. Igihugu ca Kenya amazemwo imyaka 19, avuga ko akunzwe cane muri ico gihugu ko kandi abaririmvyi b’Abarundi babakunda cane.

Kidum arangiza asaba amashirahamwe akorera mu Burundi gukorana n’abaririmvyi mu kumenyekanisha ivyo bakora. Abarundi nabo basabwa gukunda abaririmvyi babo kuko bashobora guhindura Uburundi igihugu c’umuziki nka Jamaica.

Mwomenya ko Kidum afise ibiteramo bibiri, aho bukera kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo muri HAVANA NIGHT CLUB, n’ahitwa LIANY ku Muzinda kw’igenekerezo rya 23 ukwo kwezi nyene.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • kidum ivyo avuga nivyo,jewe ndi murine s.Sudan,ndakunda kwanima indirimbo za barundi cane cane fizzo na kidum ,abagenzi banje nkabakenya,abagande nabandi...,barambwira ko uyo fizzo akwiye kwimenyekanisha nka kidum kuko ngo arashoboye. nosaba abaririvyi bibutundi gukorana indirimbo nabandi bomubindi bihugu kugira ibendera ry’uburundi rimenyekane,

  • kidum,jewe ndagukunda kandi ndakwemera muvyo kuririmba. texts zawe na music,vraiment uravyitondera’’chapeau’’ pr moi,uri number1 muri chansons profanes. however,mfise ico ntakwemerako: ton ’’foyer’’ iri malade.wavuzeko ukuze then ushaka kuvuga ukuri,kandiko bamwe kuzobashavuza, alors be stable nimba bitakuvuyeko,haragezeko ugaruka kubana n’umugore wawe w’indowa,uwo mwanditswe muri commune.abandi leave them,...lov u.

  • Oh,ntamuririmvyi numwe yankoze kumutima nka KIDUMAU vraiment numvise indirimbo yawe canke nkaraba clip zawe ndashiduka/uradukorera clip y’iyi ndirimbo ivuga iti yaramenje uwishe

  • Rwasa Salvator

  • Yooh!!!KIDUMU irambire. Ndakwipfurij iterambe ryiza gose.Wwe vraiment Muri Africa ntamuririvyi aguheta.Gusa iconogusaba n’uko wokwigisha batoya bawe intambwe ugezeko kugra ngo bamenyekane nkukwo kwawe.ikindi naco irya ndirimbo Uwishe yaramenje ndashaka yuko woyitanga kubamenyesha Makuru bakaz barayituvugiriz kko irafasha gos.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.