Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Indirimbo zirihiwe amafaranga kugira zimenyekane vyoteza imbere (...)
Indirimbo zirihiwe amafaranga kugira zimenyekane vyoteza imbere umuziki
mercredi 19 Ruhuhuma 2014
Bamwe mu baririmvyi b’abarundi baridogera abamenyeshamakuru babasaba amahera kugira bavuze indirimbo zabo. Iyo myidogo hari n’abandi baririmvyi babona ko abaririmvyi bofata umuziki nk’akazi kabo bagashiramwo umutahe w’amafaranga kugira indirimbo zabo zivuzwe ku nsamirizi n’imboneshakure.

Mu gihe havugwa umuririmvyi muri bamwe bakiri bato mu mwuga «Underground» yasabwe amahera n’umumenyeshamakuru w’insamirizi tudashimye kwandika hano, kugira ngo amufashe mu kuvuza kenshi ururirimbo yari amuhaye. Uwo yakiriye ayo mafaranga ntiyahejeje ngo avuze rwa rurirmbo. Ku bw’ivyo, twashimye kuvugana na bamwe mu baririmvyi kugira twumve uko babibona.
- Ellyz Boy
Inyuma y’umwanya munini duhanahana ivyiyumviro, abaririmvyi Ellyz Boy n’umuririmvyi akongera akaba n’umuhinyanyuzi «Producer» Kook-k, basavye ko insamirizi zokwiga ibiciro ku ruririmbo rumwe. ibiciro bizwi n’abaririmvyi, hanyuma bagaheza bakumvikana n’umuririmvyi incuro yipfuza ko ururirimbo rwovuzwa hanyuma gutanga amahera ntibibe mu kinyegero. Ellyz Boy wewe abona ko ivyo vyofasha no mw’iterambere ry’umuziki, kuko umuririmvyi yoheza agakora ururirimbo yitondeye kubera azoba azi ko ruzomutwara amafaranga menshi. Vyogabanya bamwe baririmba kugira baririmbe atari kugira ico bashikirije mu ndirimbo zabo.
- kook-k
Ku makenga ko vyoca intege abaririmvyi bigahava bisubiza inyuma umuziki mu Burundi, Kook-k abona ko ahubwo vyofasha kuronka indirimbo nke ariko zikwije. Yongera ati :"Kuririmba ni akazi, akazi nako gasaba umutahe. Uwuzobura uwo mutahe ariko afise iyo mpano, azotezwa imbere n’ivyiyumviro vyiwe vy’umuziki. Ivyo rero vyogabanya ivyo abaririmvyi bidogera abamenyeshamakuru."


Fyonda aha munsi wirabire ururirimbo «My Princess» rw’umuririmvyi Kook-k
Chérif Nkeshimana