IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Jiji Seven agiye gufasha bamwe mu bana barenganijwe n’amategeko (...)

Jiji Seven agiye gufasha bamwe mu bana barenganijwe n’amategeko adakurikizwa

mardi 7 Ndamukiza 2015

Jiji Seven ariko ategura igiteramo co kurenganura bamwe mu bana badafise uburenganzira bwo kwiga; kandi hari amategeko avuga ko abana bose b’i Burundi bategerewa kwiga.

Uwo muririmvyi avuga ati:"Article ya 28 ya convention ya droit de l’homme ivuga ko umwana wese afise droit a l’education. Ariko vy’ukuri siko bimeze ngaha mu gihugu cacu. Naratangaye kubona harabana benshi batiga, bamwe muvuganye ugasanga umuvyeyi wiwe yabuze amafaranga 2000F yogutanga kwishure comme contribution yo kwubaka,hama agacahitamwo kubwira umwana yicare imuhira. Concert ndiko ndategura izoba ku wa mungu le 12 avril kuri Odeon Palace. Iteguwe mugufasha kurihira amashure abana nkabo. Abo bana ntawuzi ico bazovamwo, kumbure nibo bazovamwo aba docteurs bahambaye bofasha caane igihugu,canke aba pilotes,etc.....Namba ushaka kunshigikira muri uyo mugambi wogufasha abobana, ndagutumiye muri concert. Kwinjira ni 5000F, hazoba hari nama CD ya album yanje nshasha HE KNOWS ME ku mafaranga 5000F, hamwe nama T-SHIRTS. Niwagura kimwe murivyo uzoba uterereye mugufasha abobana bigihugu. Uhoraho abahezagire."

Jiji Seven ari kumwe n'abana agiye kuzofasha

Ivyo abivuga inyuma y’urugendo yagize mu misozi ya MWAZA na KINDOBWE yo mu KABEZI aho yahura n’abana bo muri iyo misozi, akabona ubuzima abo abana. Ivyo bikiyongera ku ndoto za Jiji Seven zogufasha ba ntahonikora nk’itererano ku gihugu ciwe.

Umviriza ururirimbo "You are the same" rwa Jiji Seven rumwe mu ndirimbo ziwe zo mu mudiho wa Raggae zizosamirana ku munsi w’igiteramo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.