Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Uwahoze ari musitanteri wa Komine Ngagara ashaka guhindura ibintu aciye mu (...)
Uwahoze ari musitanteri wa Komine Ngagara ashaka guhindura ibintu aciye mu ndirimbo
mardi 26 Myandagaro 2014
Jiji Seven aherutse gutorwa mu bandi baririmvyi kugira akore ururirimbo rw’ishirahamwe "Association for Peace and Love in Jesus Christ". Abarongoye ishirahamwe barasigura igituma yatowe n’ico yatorewe. Jiji Seven arashimishwa n’uko yatowe mu bandi. Urwo ruriirmbo yipfuza kurushikana kure cane, ubutumwa bukenewe na benshi.

Ururirimbo Jiji Seven yatorewe kuririmba rwitwa "One God, One Blood, One Humanity" bisigura "Imana imwe, Amaraso amwe, Ubuntu bumwe". Uwahoze ari musitanteri wa komine Ngagara, Parfait Ndibanje arongoye ishirahamwe, atubwira ko igituma batoye uwo mutwe w’ururirimbo ari kubera abantu ari bamwe naho hari abavyirengagiza. Ati:"Mu gutora uwo mutwe twaravye dusanga abantu ari bamwe kuko amaraso y’umwe ashobora gukiza uwundi, kandi atawisangije umurwi w’amaraso. Imana yaremye abantu ni imwe, ikindi n’uko abantu bose baremwe kumwe bose basangiye agashusho k’Imana".
Uwo munyeporitike avuga ko bahisemwo Jiji Seven kubera yumvise indirimbo ziwe n’umudiho azivugirizamwo bikamukora ku mutima, kandi n’abandi bamuhanuye ko yotora Jiji.
- Desire Parfait Ndibanje arongoye komine Ngagara
Jiji Seven nawe arashima kubona yaratowe kuririmba n’iryo shirahamwe kugira aririmbe indirimbo yaryo. Ivyo yabivuze igihe twamusanga muri Afro Music ariko akorana n’umuhinyanyuzi Marc Kibamba guheraheza gushiramwo amajwi mu ruririmbo. Nk’uko twavyiyumviye, ururirimbo ruri mu mudiho wa Raggae, kubera Jiji asanzwe akunda cane umuhisi Luck Dube na Peter Toshi. Kubera ubutumwa buhambaye bwokora ku mitima ya benshi yipfuza kugeza kure urwo ruririmbo.
Ururirimbo rugasohoka tuzorubumvisha.
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Myandagaro 2014, 14:49, par Gugu
Amaahoro...Félicitations pour JIJI Seven mugabo wewe Cherif wanditse iyi nkuru,kosora Mustaneri ntakiri Parfait Ndibanje haruyundi...sinon c grave...kubarabizi....Merci