IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Inkuru > Jiji Seven, umuririmvyi yatorewe gukwirikirana ivyirwa vyo kurondera (...)

Jiji Seven, umuririmvyi yatorewe gukwirikirana ivyirwa vyo kurondera amahoro n’umutekano

lundi 7 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe "Institute for Security Studies" (ISS), rikora ivyirwa ku bijanye no kurondera amahoro ku mugabane wa Afrika, riherutse gutora umuririmvyi Jiji Seven hamwe n’abandi baririmvyi bazoja gukwirikirana ivyirwa bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano biciye mu banyamyuga (Artistes).

Abaririmvyi bagera kuri 25 bo muri Afrika baherutse gutorwa n’ishirahamwe rikora ivyirwa ku bijanye no kurondera amahoro n’umutekano "Institute for Security Studies"(ISS). Muri abo harimwo umuririrmvyi w’umurundi Irakoze Jean- Claude azwi kw’izina rya Jiji Seven yatowe mu bagera kw’i 150.
`
Nk’uko abitubwira, Jiji Seven agiye kuzokwirikirana ivyigwa bizotangura kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika kuri 25 Ndamukiza mu gihugu ca Ethiyopiya ku murwa mukuru Adis Abeba. Itorwa rw’uwo muririmvyi w’umurundi, yishuye ku rwandiko rwasaba umuririmvyi wese wo muri Afrika kurungika umwidondoro wiwe( Curriculum Vitae) n’ivyo amaze gukora nk’umuririmvyi mu kurondera amahoro n’umutekano, hamwe n’ikete yanditse asigura ingene n’igituma abona akamaro mu vyigwa azoronkera muri izo nyigisho.

Jiji Seven azokwurira indege ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 13 Ndamukiza izomushikana mu gihugu ca Ethiopiya mu gisagara ca Adis Abeba, mu nzu y’ingenzi (hotel) yitwa Jupiter International Hotel.

Mwomenya ko ishirahamwe "Institute for Security Studies"(ISS) ryagize icirwa citwa "Artist as a Peacebuilder "bisigura" umunyamwuga nk’umwubatsi w’amahoro", muri ico cirwa basanga abaririmvyi bafise uruhara runini mu kurondera amahoro n’umutekano. Ico cirwa cagizwe bafatiye ku baririmvyi bagize ico bamara mu kwigisha amahoro n’umutekano cane cane mu bihugu iwabo no muri Afrika, hatangwa akarorero k’umuririmvyi mpuzamakungu Youssou N’dour wo muri Sénégal, Freddy Tsimba wo muri Congo, umurwi ndangakaranga Amakhosi wo muri Zimbabwe n’abandi.

Jiji Seven, Artist as a Peacebuilder

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.